Umuryango w’ubumwe bwa Buraya wavanye Reta zunze ubumwe z’Amerika ku rutonde rw’ibihugu vyizewe mu vy’ikiza ca virusi ya Corona. Uwo muryango wasavye ko hajaho ingingo zikumira ingenzi zija mu bihugu biwugize zivuye muri Amerika zitaracandarwa.
Ubumwe bwa Buraya buvuga ko ibitigiri vy’abandura virusi ya Corona n’abinjira ibitaro kubera iyo ngwara muri Amerika bibandanya kuduga. Haheze amezi abiri Uburaya buvanyeho ingingo nka zose bwari bwarafatiye ingenzi zijayo zivuye muri Amerika. Reta zunze ubumwe z’Amerika zo yamara hari ingingo zikumira ingenzi z’ibihugu bimwe bimwe vya Buraya zitaravanaho.
Kugira igihugu kibe ku rutonde rwizewe n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya mu vy’ubwandu bwa virusi ya Corona kibwirizwa kutarenza abantu 75 bashasha bandura ku bantu ibihumbi 100 mu misi 14.
Ikigo kijejwe gukumira ingwara z’ivyaduka muri Amerika, CDC, mu biharuro vyaco bishasha cerekana ko ku bantu ibihumbi 100 usangamwo abanduye bashasha barenga 300. Nko mu ndwi iheze, muri Amerika bashasha bandura ku munsi ku munsi bararenze ibihumbi 150. Abinjira ibitaro nabo ku munsi ku munsi ni ibihumbi 100. Ibi bitigiri ntivyari bwaje hejuru bigeze aha kuva mu kwezi kwa kabiri.
Ibindi bihugu ubumwe bwa Buraya bwavanye ku rutonde rw’ivyizewe mu vy’ubwandu bwa virusi ya Corona, ni Isirayeri, Kosovo, Libani, Montenegro na Macedoniya. Ibiri ku rutonde rw’ivyizewe n’Uburaya ni 17 birimwo Canada, Ubuyapani, na Nouvelle Zelande.
Amwe mu makuru ari muri iyi nkuru Ijwi ry’Amerika riyakesha itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, n’iry’Abongereza, Reuters.
Facebook Forum