Uko wahagera

Udutabo Ndangamiryango Dushya Twateje Impaka i Bujumbura


Agatabo Ndangamuryango
Agatabo Ndangamuryango

Mu Burundi abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura ntibakiriye neza icytemezo cy' udutabu ndangamiryango dushya tugiye kugurwa amafaranga 3000 tugatangura gukora kuri uno wa gatanu itariki ya mbere ukwezi kwa mbere umwaka 2021. Bavuga ko tuzinvye kandi n'utwo bari basanganywe tutarahera.

Urugo rwose rwo mu gisagara ca Bujumbura rutegerezwa kuba rufise utwo dutabu tuzofasha kugira umukuru w’umuryango aze aratwuzuza igihe cose aronse abashitsi kugira bifashe abajejwe umutekano mu kazi kab nkuko Jimmy Hatungimana arongoye igisagra ca Bujumbura abitangaza, amenyesha ko abanyagisagara bategerezwa kuvyubahiriza.

Ababa mugisagara ca Bujumbura babona ko utwo dutabu tutari dukenewe mugihe bagifise utundi. Bavuga ko batunva igituma buri mwaka baguma basabwa utundi dutabu kandi tuzimvye gusunvya utwahahora, bamenyesha ko n’igikorwa co kwishura mw’ibanki imwe rudende bibatesha ico bokoze.

Umunyapolitike atavuga rumwe na reta Tasiyano Sibomana amenyesha Ijwi ry’Amerika ko igisagara ca Bujumbura caronse akaryo ko kwironderera amafaranga mu banyagihugu. Ati: "Utwo dutabu tuje tuzinvye kurusha utwahahora si two tuzobungabunga umutekano w’igisagara".

Mwomenya ko ako gatabu kagura amafaranaga 3000 gafise impapuro 20 mugihe ikaye y’impapuro 24 kw’isoko igura amafaranga 500.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG