Uko wahagera

Amasezerano y'Amerika na Ositraliya Yababaje Ubufaransa n'Ubumwe bw'Ubulayi


Ministri w'Intebe wa Ositraliya Scott Morrison
Ministri w'Intebe wa Ositraliya Scott Morrison

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Joe Biden, yashavuje Ubufaransa n’ishirahamwe rya Bulaya bivuye ku masezerano yagiraniye na Ositraliya.

Iyo ngingo yafashwe na Prezida Biden yo kwunga imigenderanire na Ositraliya hamwe n’Ubwongereza ifitiye inyungu Amerika mu ntumbero yo gukumira Ubushinwa, yatumye Ubufaransa n’ishirahamwe rya Bulaya bibona ko vyakumiwe.

Iyo ngingo ijanye n’umutekano yatangajwe muri iyi ndwi, isa n’iyaje kurangiza urukundo rwari rumaze igihe hagati ya Amerika n’Ubulaya.

Ayo masezerano azwi kw’izina rya “AUKUS” mu mpfunyapfunyo vyibonekeza ko akumira Ubufaransa n’ishirahamwe rya Bulaya, ni co giherutse mu bindi bimenyetso, birimwo ingingo zo kuva muri Afuganistani, vyatangaje ibihugu vya Bulaya.

Inyuma y’aho abwiriye abategetsi b’ibihugu vya Bulaya ko Amerika yagarutse kandi ko umwimvikano hagati yayo n’ibihugu vya Bulaya ari wo uzohora ushirwa imbere mu migenderanire ya Amerika n’amakungu, Biden yashavuje ibihugu bitari bike bicuditse na Amerika, bivuye kuri iyo ngingo yafashe atawe agishije inama, ku kibazo nkoramutima nk’ico.

Umushikiranganji w’igihugu c’Ubufaransa ajejwe imigenderanire yavuze ko iyo ngingo ya Amerika itumvikana kandi isa n’uko Amerika isogose imbugita mu mugongo ibihugu vya Bulaya. Yavuze ko ibihugu vya Bulaya bitahanujwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG