Ubudagi busaba Ubwongereza kwerekana ugushaka kwabwo mu biganiro vyerekeye ukuva kw'ico gihugu mu muryango w'ubumwe bw'Ubulayi. Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe ibibazo vy’umuryango w’ibihugu vy’Ubulayi, Michael Roth, mu kiganiro yatanze uno musi ku wa kane.
Uretse kwerekana ko ababajwe bikomeye ko ibiganiro kuri kazoza kw’Ubwongereza n’umuryango w’ibihugu vy’Ubulayi vyahagaze, Roth yerekanye kandi ko atangajwe n’uko abategetsi b’Ubwongereza badasa nuko bashaka kuganira ku bibazo vyerekeye imigenderanire n’umutekano n’uwo muryango.
Amenyesha ko ababajwe n’uko Ubwongereza buriko butera bwitandukanya n’ivyari vyumvikanywe hagati yabwo n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi vyari gufatirwako mu biganiro. Ubwongereza bwavuye muri uwo muryango inyuma yuko bumaze hafi y’imyaka 50 muri wo kw’italiki 31 y’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka.
Yamara ico gihugu kiracategerezwa gukwirikiza amategeko yawo gushika kw’italiki 31 y’ukwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka. Ivyo mu kurindira ibizova mu biganiro ku migenderanire ya kazoza nawo.
Kubera ikiza c’umugera wa Corona cageramiye ikirangamisi c’ibiganiro, hari impungenge zitera ziyongera ko umwanya w’ugushika ku masezerano uriko urangira n’ingoga.
Facebook Forum