Uko wahagera

Ubwoko Bushasha bw'Umugera wa Covid-19 muri Afurika y'Epfo


Prezida wa Afurika y'Epfo Cyril Ramaphosa ariko agendera isosiyete yahawe kuzokora incanco za Covid-19 muri ico gihugu
Prezida wa Afurika y'Epfo Cyril Ramaphosa ariko agendera isosiyete yahawe kuzokora incanco za Covid-19 muri ico gihugu

Afrika y'epfo yatoye ubwoko bushasha bw'umugera wa Corona bwahindaguritse incuro zitari nke. Yamara abahinga mu bumenyi muri ico gihugu ntibaramenya niba ubwo bwoko bushasha buzwi kw’izina rya C.1.2 bwandukira kurushiriza canke bushobora kurusha canke niba incandago zihari mur’iki gihe zishobora gufasha abantu kubwikingira.

Ubwo bwoko bushasha C.1.2 bwatowe ubwa mbere mu kwezi kwa gatanu. Mur’iki gihe bumaze gukwiragira mu ntara nka zose zo muri Afrika y’epfo no mu bindi bihugu 7 vyo muri Afrika, i Bulaya, Aziya na Oceyaniya, nkuko bitangazwa n’ubushakashatsi buriko buraba.

Afrika y’epfo ni co gihugu ca mbere catoye ubwoko bw’umugera wa Corona bwitwa Beta. Ubwo bwoko buvurwa ko bukwiragira mu buryo bworoshe kurusha ubwoko bwa mbere bw’uwo mugera. Hari ivyemezo ko incanco zihari zidakora neza cane kur’ubwo, mu vyatumye bimwe mu bihugu biziririza abantu kuja muri Afrika y’epfo hamwe n’ukuza ariyo baturutse.

Richard Lessells, umuhinga w’indwara zandukira abantu ari benshi icarimwe, akaba n’umwe mu bariko batanguye kugira ubushakashatsi ku bwoko bushasha bwa C.1.2 avuga ko ukwiyadukiza kwabwo vyerekana ko ikiza ca Covid-19 kitariko kirarangira.

Yatangaje ko abantu batogira ubwoba birengeje mur’iki gihe, ko uguhindagurika kw’umugera wa Corona ari ibintu vyari vyitezwe uko imisi igenda irigirayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG