Uko wahagera

Ubwoba muri Kaminuza y'Uburundi


Bamwe mu banyeshure ba kaminuza y'Uburundi bavuye guhiga amazi
Bamwe mu banyeshure ba kaminuza y'Uburundi bavuye guhiga amazi

Bamwe mu banyeshure baba mu kigo ca kaminuza y'Uburundi iri ku Mutanga batewe ubwoba n’inyandiko zitagira umukono zikwiragizwa zikongera zikamanikwa mu bibanza bitandukanye vy'ico kigo.

“Ibipinga muri benshi hano muri kaminuza y’Uburundi ariko n’uburo barabusya. Twaragifashe ntitukirekura. Tuzobashira ku murongo mukinda mugaramye. Kandi mwaraye mu vyiboneye, uwudashaka kuja ku murongo nta kibanza afise ngaha. Amajigo twaraye tuyahongoye n’amabwena turayagabishije, uwuhagarikiwe n’ingwe aravoma.” Uko niko izo mpapuro zanditsweko.

Abanyeshure bavuganye n’Ijwi ry’Amerika basanga izo mpapuro zifitaniye isano n’akarwi k’abanyehsure bamaze igihe barara barakizura bategera abatashe bwije rimwe na rimwe bakabakubita. Ikindi bibaza, ni uko bifitaniye isano n'abanyeshure baheruka kwirukanwa mu buryo budasobanutse.

Celestin Nibona Bonasize ajejwe umutekano muri kaminuza yavuze ko ivy’izo mpapuro zitagira umukono atavyo azi .

Mu gihe hari abemeza ko abo banyeshure bagirizwa izo mpapuro no gukizura mw'ijoro begamiye umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, abatewe ubwoba n'izo mpapuro basaba ko umutekano wo mu kigo cabo ucungerwa n’abajejwe kuwucungera ku rwego rw’igihugu hagucungerwa n’abanyeshure

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG