Uko wahagera

Ubwoba bwa COVID-19 mu Kirundo Inyuma Yuko Habonetse Abayanduye


Mu gisagara ca Kirundo mu Burundi bafise ubwoba ko umugera wa Covid-19 ushobora kuba warakwiragiye mu banyagihugu. Babivuga inyuma y'aho ibiro vy'amagara y'abantu mu ntara bitangarije kuri uyu wa mbere ko habonetse umuntu wa mbere yanduye.

Amakuru Ijwi ry'Amerika rikesha abegereye ubuyobozi bw'amagara y'abantu mu ntara ya Kirundo, uwo muntu yatowe COVID-19 ni umuforoma mu bitaro vyo mu Kirundo. Mu buyobozi bw'amagara y'abantu muri iyo ntara iri mu buraruko bw'Uburundi bamenyesha ko hagiye gupimwa abantu bose babonanye n'uwo yanduye.

Amakuru ariko adushikira ava mu bitaro vyo mu Kirundo avuga ko abandi 2 boba bamaze gutorwa uwo mugera gushika mu gitondo co kuri uwu wa kabiri, inyuma yo gupima ababonanye n'uwo muforoma yanduye.

Abamaze kumva iyo nkuru mu gisagara ca Kirundo bafise amakenga ko uwo mugera woba ugeze kure unyanyagira mu bantu, bagasaba ko hotunganywa isekeza ryo gupima uwo wese avyipfuza canke yiyumviseko ibimenyetso vya COVID-19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG