Uko wahagera

RSF: Ubwigenge bwo Kumenyesha Amakuru Bwarateye Imbere mu Burundi


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye, RSF ivuga ko utwigoro twiwe twateje imbere ubwigenge bwo kumenyesha amakuru
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye, RSF ivuga ko utwigoro twiwe twateje imbere ubwigenge bwo kumenyesha amakuru

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, Reporters Sans Frontières, ryashize Uburundi mu kibanza c’147 ku bihugu 180 vyakozweko amatohoza ku vyerekeye ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Ico gihugu cateye imbere ibibanza 13 kuko ku mwaka uheze cari mu kibanza c’160. RSF ritangaza ko ivyo vyavuye ku twigoro twa Prezida Evariste Ndayishimiye two guteza imbere ubwo bwigenge.

Arnaud Froger atwara igisata ca Afrika muri Reporters Sans Frontières mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika yagize ati: “Ubwa mbere ni ingingo ya Perezida yo kurekura no guha ikigongwe abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bari bamaze umwaka urenga bafungiwe ubusa, ugushaka kwa Perezida kwo kuganira n’amaradiyo yugawe ndetse imwe muri zo Bonesha FM ikaba yaramaze kwugururwa, igisata c’ikinyamakuru Iwacu na co nyene caruguruwe, ibiganiro vyatanguye kugira amaradiyo mpuzamakungu nka BBC na VOA yugururwe. Twizeye ko utwo twigoro tuzobandanya kugira abamenyeshamakuru bakore bigenga.”

Urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ, “Union Burundaise des Journalistes” rworwo si ko rubibona: Alexandre Niyungeko arongoye UBJ yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ahubwo ku rubuga, ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bwasubiye inyuma cane, yongera yibutsa ko hari abamenyeshamakuru 7 baheruka gukatirwa igihano co gufungwa ubuzima bwabo bwose.

Iyi raporo irashimwa n’ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru mu Burundi. Umukozi mukuru muri ubwo bushikiranganji yabwiye Ijwi ry'Amerika ko “Ari raporo yerekana neza ingendo ya Reta yo kunagura imigenderanire n’icizere mu mwuga wo kumenyesha amakuru”.Sendika y’abamenyeshamakuru mu Burundi, yavutse mu mwaka uheze, “Burundian Journalists Alliance” nayo yabwiye Ijwi ry'Amerika ko n’aho hakiri agahaze, uwo mwuga wateye imbere.

Ku kibazo c'abamenyeshamakuru b'abarundi barenga 100 bakiri mu buhungiro, RSF ivuga ko r eta ikwiye kuraba ingene yugurura amaradiyo yose yugawe mu mwaka w’2015, gutyo abo bamenyeshamakuru bahunze bagatahuka. RSF isigura ko bisaba ugushaka kwa politike, igatera intege umukuru w'igihugu c'Uburundi mu nzira yafashe kugira habe ubwigenge koko bwo kumenyesha amakuru.

Mu karere ka Afrika y’Ubuseruko Uburundi burimwo ishirahamwe RSF ryerekana ko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru butateye imbere. U Rwanda rwasubiye inyuma ikibanza kimwe ruja ku kibanza c’156, Tanzaniya cagumye aho cahora mu kibanza c’124, Uganda na bwo nyene bwagumye aho bwahora ku kibanza c’125.

Muri rusangi, iyo raporo yerekana ko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bwasubiye inyuma ku mwaka uheze kw’isi. Abamenyeshamakuru RSF ivuga ko bishwe bazira umwuga wabo canke bari ku kazi barenga 50.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG