Uko wahagera

Ubwicanyi Bukorwa n'Abanyagihugu muri Afurika y'Epfo Buriyongera


Ifoto y'Abanyagihugu mu myiyerekano yiyamiriza ubwicanyi mu 2017
Ifoto y'Abanyagihugu mu myiyerekano yiyamiriza ubwicanyi mu 2017

Ibitigiri vy’abicwa bazira ubusa muri Afurika y’Epfo n’abafatwa ku nguvu bikomeje kwiyongera. Ibitigiri vyashizwe ahabona na Reta uno munsi vyerekanye ko mu mwaka w’2019, abishwe n’abitwaza ibirwanisho vyihisha barenga ku 21,000. Ni kuvuga n’imiburiburi ko hicwa 5 8 ku munsi.

Afurika y’Epfo iri mu bihugu vya mbere bivugwamwo ubwicanyi bukorwa n’abanyagihugu. Abamaze kwicwa kuva uno mwaka ugitangura ntibazwi igitigiri, ariko Reta yemeje ko uko imyaka yitera ariko ico kibazo kiba ndanse.

Nko mu 2019, abishwe biyongereye ibice 1,4 kw’ijana ugereranije n’abishwe mu mwaka w’2018. Hambavu y’ubwo bwicanyi, Afurika y'Epfo ihanganye kandi n’ikibazo c’abafatwa ku nguvu: Abamenyekanye ko bafashwe ku nguvu mu mwaka uheze bababa ibihumbi 55.

Umushikiranganji ajejwe ivy’umutekano atangaza ano makuru yavuze ko kuva uno mwaka utangura, abanyeshure bo mu mashure y'intango, ay'isumbuye na za kaminuza bamaze kwitura inzego bavuga ko bafashwe ku nguvu ari 380.

Uwo mutegetsi yashimye ariko ko ikibazo c’ubusuma bw’imiduga no kurasa banyeneyo mu ntumbero yo kuyiba, ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho bakunze gutera amabanki, n’ abapfasoni bahohoterwa n’abo bubakanye kiriko kiragabanuka.

.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG