Uko wahagera

Ubwato bwuzuye abanyaFrika barenga 20, barasize ubuzima mw’isanganya ry’ubwato, ku nkengera y’igihugu ca Libya.


Ubwato bwuzuye abanyaFrika barenga 20, barasize ubuzima mw’isanganya ry’ubwato, ku nkengera y’igihugu ca Libya.
Ubwato bwuzuye abanyaFrika barenga 20, barasize ubuzima mw’isanganya ry’ubwato, ku nkengera y’igihugu ca Libya.

Impunzi zariko zigerageza guhunga ubwicanyi buriko bubera mu gihugu ca Libya, zarahuye n’impanuka mw’ibahari, aho ibiharuro biriko biratangazwa, bivuga kw’abantu barenga 20, basize ubuzima mu bwato bwari butwaye impunzi mu ruzi Mediteranee.

Ishirahamwe mpuzanakungu ejo ku musi wa mbere, ryaratangaje kw’ubwato butwaye impunzi 600 zivuye mu gihugu ca Libya, bwazamye, buri ku nkengera y’igihugu ca Libya, ku musi wa gatanu. Igitigiri c’abantu baguye mur’iryo sanganya, gushika ubu, ntikiramenyekana.

Salah Kurdi akorera ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe guharanira agateka ka zina muntu, I Geneve mu gihugu c’Ubusuisse, yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika, kw’ubwo bwato bwari bugiye mu gihugu c’Ubutaliyano, buvuye mu gihugu ca Libya, igihe bwazama.

Abapolisi bo mu gihugu c’Ubutaliyano bajejwe kugenduza inkengera y’urwo ruzi, barashoboye kurokora abantu batari bake, yamara nk’uko umushingantahe Kurdi abivuga, ngo itigitiri c’abantu basize ubuzima mur’iryo sanganya, ntikiramenyekana.

Abantu barusimvye mur’iryo sanganya,- bose abanyaFrika bari bimukiye mu gihugu ca Libya, canke bahora bakora mu gihugu c’Ubutaliyano, - bavuga kw’abasirikare b’ishirahamwe Otan, babonye ukuntu ubwo bwato buzama, ariko ngo, ntaco bakoze kugira ngo babagarukire.

Ishirahamwe Ottan ryarahakanye ayo makuru, yamara ikinyamakuru co mu Bwongereza citwa The Guardian catohoje iyo nkuru, kivuga ko bisa n’uko abasirikare b’ishirahamwe Ottan, banse gutabara abo banyaFrika.

XS
SM
MD
LG