Uko wahagera

Ubuyapani Bwahevye Gusaba Kwakira Ihiganwa ry'Umupira w'Abagore


Ubuyapani bwavanye Candidature yabwo mu bihugu biriko bisaba kwakira ihiganwa ry’umupira w’amaguru w’abakobwa kw’isi yose mu 2023.

Ubuyapani bukuyemwo akarenge mu gihe hasigaye iminsi mike cane ngo ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ritangaze igihugu kizokwakira ayo mahiganwa.

Mu bihugu cumi vyari vyasavye kwakira iyo mikino hasigayemwo bibiri gusa ari vyo Colombie na Australie. Ku munsi wa kane ni ho FIFA izotangaza igihugu kizotunganya iyo mikino.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG