Uko wahagera

Ubutariyano mu Matora y'Abagize Inteko Ishinga Amategeko


Beppe Grillo wo mu mugambwe M5S mu myiyamamazo.

Inyuma y’imyiyamamazo yavuzwemwo cane ibibazo vy’abimukira n’ubutunzi, Abatariyano kuri uno wa Mungu biriwe mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka.

Imigambwe ikomakomeye iriko irahiganwa ni uwuri ku butegetsi, uwitwa M5S, hamwe n’urunani ruramutswa uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubutariyano Silvio Berlusconi.

Silvio Berlusconi, yavuze ko ari nka hamwe urunani rwiwe rwotsinda, rwoca rushira imbere umukuru w’inama nshingamateka ya Buraya Antonio Tajarani, kugira ahiganirwe intebe y’umukuru w’igihugu.

Abariko abakurikiranira hafi ayo matora, bavuga ko bikigoye kumenya umugambwe uza kuza imbere mu biharuro.

Bitegekanijwe ko ibitigiri vy’imfatakibanza bimenyekana mu masaha yiteye imbere kuri uno wa Mungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG