Uko wahagera

Ubushinwa Gufasha Amerika Kurwanya Umugera wa Corona


Perezida Donald Trump na Xi Jinping
Perezida Donald Trump na Xi Jinping

Kuri uno musi wa gatanu umukuru w'igihugu c'Ubushinwa yabwiye mugenzi we w'Amerika ko yiteguriye gufasha ico gihugu kugwanya umugera wa Corona.

Ubushinwa ni igihugu cahora gisinzikajwe cane n'ico kiza ariko ubu Amerika ni yo igeramiwe.

Mu gitondo c'uno musi wa gatanu, ibitigiri vy'abari bamaze kwandura iyo ngwara bagera ku 85,991. Ubushinwa bwari bufise 81,828, Ubutaliyano na bwo busanzwe bugeramiwe cane mu bihugu vyose vya Buraya hamaze kwandukirwa abashika ku 80,589.

Umukuru w'Ubushinwa yaganiriye uyu musi na Perezida Donald Trump. Inyuma y'ico kiganiro kuri telefone, Trump yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twiter ati "Ndangije ikiganiro ciza cane na Prezida Xi Jinping w'Ubushinwa. Twaganiriye vyinshi kuri iki kiza kiriko kiratikiza inganda ku gice kinini kur iyi si yacu. Ubushinwa bwaciye muri vyinshi kandi vyatumye babasha kumenya vyinshi kuri iyi ngwara".

Yamara, mu biganiro Trump aheruka kugirana n'abamenyeshamakuru ntiyerekanye ukwubaha Ubushinwa. Ni mu gihe yagiye arakoresha amajambo adashimishije mu kuvuga uko Aziya yagiye irataho ico kiza, yise "Umugera w'Abashinwa".

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG