Uko wahagera

Uburusiya: Isekeza ry'Ugucandaga Abanyagihugu ku Bwinshi


Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin yetegetse itanguzwa ry'isekeza ry'ugucandaga abanyagihugu ku bwinshi ku bijanye n'ikiza c'umugera wa corona.


Prezida Putin amenyesha ko iryo sekeza rizotangura mu ndwi iza, kandi ko Uburusiya buzoba bwatunganije ibipimo vy’incandago imiliyoni 2 mu misi mikeyi iri imbere.

Abategetsi b’Uburusiya batangaje mu kwezi guheze ko urucandago, Sputnik V jab rufite ubushobozi bwo gukingira abantu Covid-19 ku bice 92 kw’ijana.

Tatiana Golikova, icegera c’umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya avuga ko igikorwa c’ugucandaga abanyagihugu ku bwinshi ku gushaka kwabo gishobora kuzotangura muri uku kwezi kw’icumi na kabiri.

Ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona vyaragabanutse mu Burusiya kuva vyiyongeye mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Uburusiya buza ubwa gatatu mu bihugu bifise ibitigiri binini cane vy’abanduye Covid-19 kw’isi inyuma ya Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubuhindi na Bresil.

Abategetsi b’Uburusiya barahumurije abarusiya ko bazoba aba mbere mu gucandarwa. Ni mu gihe ico gihugu kiriko kiganira ivyerekeye kuronsa incandago ibindi bihugu.

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu, Dmitry Peskov, yatangaje ko abazoshimikirwako ubwa mbere na mbere ari abarusiya. Amenyesha ko ibipimo biriko bitunganywa bizokwira abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG