Uko wahagera

Uburusiya Bwemeje Itegeko Ribuza Abakorana na Navalny Kwitoza


Alexei Navalny atavuga rumwe na Reya y'Uburusiya

Itegeko riziririza abakorana n'umumyapolitike atavuga rumwe na reta y'Uburusiya, Alexei Navalny guhiganwa mu matora ryarenganye mu nama nkenguzamateka y’ico gihugu. Iryo tegeko rizoziririza abashigikiye Navalny n’abanywanyi b’amashirahamwe abonwa ko ari y’intagondwa kwitoza mu kibanza ico arico cose ca politike.

Hisunzwe iryo tegeko ryemejwe uno musi ku wa kabiri, abayobozi canke abashinze amashirahamwe yagenywe ko ari ay’intagondwa canke agira iterabwoba ntazoshobora guhiganirwa ibibanza ivyo arivyo vyose vya politike mu kiringo c’imyaka itanu. Abandi banywanyi canke abakozi b’ayo mashirahamwe ntibazoshobora kwitoza mu mabanga ya politike mu kiringo c’imyaka itatu.

Iryo tegeko riracakeneye ko Prezida Vladimir Putin ariterako igikumu. Bikaba vyitezweko ko bitazoba ikibazo. Risa n’akigoro k’ukunumya ishirahamwe rijejwe kurwanya ruswa ryashizweho na Navalny.

Abategetsi b’Uburusiya bariko barondera ko iryo shirahamwe ritangazwa ko ari iry’iterabwoba imbere y’amatora y’abashingamateka azoba mu kwezi kw’icenda.

Barongereje igikorwa cabo c’ugutoteza n’ugukandamiza abatavuga rumwe na Reta imbere y’ayo matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG