Uko wahagera

Uburusiya Bwatanguye Gukura Inteko Zabwo Hafi y'Urubibe na Ukraine


Uno musi ku wa gatanu, Uburusiya bwatanguye gukura inteko zabwo hafi y'urubibe na Ukraine, aho zari zimze iminsi zimenyereza.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y’icuka kibi cibonekeje hagati y’Uburusiya n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi kubera ko ico gihugu cakoranirije inteko nyinshi cane zaco hafi y’urubibe na Ukraine.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Uburusiya, Sergei Shoigu, yatangaje ku musi wa kane ko abasirikare ibihumbi n’ibihumbi bari barungitswe mu bice vyo mu bumanuko no mu burengero bw’Uburusiya mu kiringo c’indwi nkeyi zirangiye, bazosubira mu makambi yabo.

Ingingo y’Uburusiya yo kurungika inteko zayo muri ivyo bice yafashwe igihe inteko za Reta ya Ukraine n’abashaka kwiyonkorako bashigikiwe n’Uburusiya mu buseruko bw’igihugu, bari bakomeje gutana mu mitwe, mu ntango z’uyu mwaka.

Ivyo vyarateye impungenge zikomeye abategetsi ba Ukraine n’ibihugu bicuditse vyo mu burengero bw’isi vyagabishije Uburusiya ku ngingo yabwo.

Abategetsi b’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN, n’abategetsi ba Ukraine bakiye neza ingingo y’Uburusiya yo gukura inteko zayo hafi y’urubibe na Ukraine.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky amenyesha ko ivyo bigabanya icuka kibi ku rubibe hagati y’igihugu ciwe n’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG