Uko wahagera

Uburusiya Bwakiriye Ibiganiro vyo Guhagarika Ingwano muri Afuganistani


Ivyo biganiro vyatanguye ejo ku musi wa kane bifise intumbero yo gupfundika amasezerano yo gusangira ubutegetsi hagati ya Reta ya Afuganistani n’abatalibani.

Uburusiya bwarakiye ibiganiro nk’ivyo imbere y’aho, yamara bubaye ubwa mbere umutegetsi akomeye aserukira Amerika agira uruhara muri ako kigoro kuva ibiganiro bihagarikiwe n’Uburusiya, bitanguye mu mwaka w’i 2017. Imigenderanire hagati ya Amerika n’Uburusiya yifashe nabi cane muri iki gihe. Ni inyuma y’uko Prezida wa Amerika, Joe Biden avuze ko Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin ari umwicanyi.

Yamara umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yatangaje ko afise icizere ko ibiganiro biriko biraba ku gihugu ca Afuganistani vyitabwe na Amerika, Ubushinwa na Pakistani bizotuma haba intambwe mu mugambi w’amahoro w’ico gihugu, umugambi wasubiye inyuma akatari gake mu kiringo c’imyaka itari mike.

Amerika iriko igerageza kubahiriza itariki ntarengwako ya mbere y’ukwezi kwa gatanu yo gukura inteko zayo muri Afuganistani, mu ntumbero yo kurangiza imyaka 20 iheze, izo nteko zirungitswe muri ico gihugu. Yamara, Prezida Biden yavuze ko kubahiriza iyo tariki bitazokworoha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG