Uko wahagera

Uburusiya Bwahaye Mali Indege 4 za Kajugujugu n'Ibirwanisho


Kajugujugu z'intambara z'Uburusiya zo mu bwoko bwa Mil Mi-28N
Kajugujugu z'intambara z'Uburusiya zo mu bwoko bwa Mil Mi-28N

Umushikiranganji mfatakibanza ajejwe kwivuna abansi wa Mali, Sadio Camara, ejo kuwa Kane yemeje ko igihugu ciwe caguze izo ndege hisunzwe amasezerano yashitsweko mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2020.

Ni mu ntumbero yo gufasha inteko z’ico gihugu mu rugamba rwazo rwo kuhangana n’abarwanyi bakorana na reta ya kiyislamu na al-Qaida. Muri urwo rugamba zifatanya n’inteko z’Ubufaransa, iz’akarere k’Ubulaya n’iz’ishirahamwe ONU.

Izo ndege za kajugujugu n’ivyo birwanisho vyatanzwe mu gihe hari n’icuka kibi hagati ya Mali n’Ubufransa bifatiye ku makuru avuga ko ico gihugu gishobora kwakira abacangero b’Abarusiya. Ni mu gihe Ubufaransa bufise imigambi yo kugabanya abasirikare babwo 5000 bajejwe igikorwa c’ukurwanya iterabwoba mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.

Ubufaransa bwaragerageje kuburizamwo uwo mugambi mu kuvuga ko amasezerano ya Mali n’Uburusiya ateye kubiri n’igumizwa z’inteko z’Ubufransa muri ico gihugu.

Ico gihe, umushikiranganji wa mbere wa Mali yagirije Ubufaransa ko bwahevye igihugu ciwe mw’ijambo yashikirije ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye mw’ikoraniro rusangi ry’ishirahamwe ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG