Prezida Vladimir Putin w'Uburusiya yegetse ikibazo c’amasoko ntanganguvu kiriho muri iki gihe ku migambi itarashe ah’ukuba ukubura kwayo.
Uburusiya, igihugu kigurisha umwuka utanga inguvu kurusha ibindi mu Bulaya, buriko bwongereza uwo mwuka kibisabwe n’abawukoresha. Bukaba bwiteguriye kuganira izindi ntambwe izo ari zo zose zofatwa mu ntumbero y’ugutuma amasoko yo mu Bulaya adahungabana.
Yamara Prezida Putin yanebaguye ako karere kuba kashizeho imigambi itarashe mu bijanye n’amasoko ntanganguvu bakagiriza igihugu ciwe mu gihe ibintu bitagenze neza.
Uburusiya buza bwarongereje umwuka utanga inguvu burungika mu Bulaya ku bice 15 kw’ijana mu mezi icenda ya mbere y’uyu mwaka. Prezida Putin avuga ko n’iyo basabwa kwongereza uwo mwuka kurushiriza biteguriye kubikora.
Ukwiyongera kw’ibiciro vy’umwuka utanga inguvu n’umuyagankuba biriko birageramira ubutunzi bw’umugabane w’Ubulaya. (AFP)
Facebook Forum