Uko wahagera

Uburusiya Burakoresha Amatora muri Zimwe mu Ntara za Ukraine.


Umwe mu barindiriye abatora
Umwe mu barindiriye abatora

Uburusiya buriko buratunganya amatora mu ntara zitandukanye bwigaruriye muri Ukraine. Ni mu ntumbero yo gukomeza inguvu zabwo muri izo ntara.

Amatora Uburusiya bwatanguye gukora mu ntara zegukira Ukraine, zirimwo, Donetsk, Luhansk, Kherson, na Zaporizhzhia azorangira ku wa Mungu w’ino ndwi.

Abanyagihugu bariko batora abashingamateka ku rwego rw’intara. Ico gikorwa nicarangira, abo bashingamateka bazoca nabo bitoramwo abakuru b’intara.

Mu ntara za Donetsk na Luhansk abanyapolitike bariko baritoza baharurwa mu bihumbi, bahiganira ibibanza birenga 20 vyo mu nama mpanuzwajambo yo ku rwego rwo hasi.

Mu gihe hari intara zija zaratanguye gutora, hari izindi zizotorera rimwe n’Uburusiya mu mpera z’ino ndwi. Mu ntara zahejeje gutora, abitoza biyamamaje baza baraca mu mihana itandukanye, abandi nabo babikorera ahahurira abantu benshi.

Impande zitandukanye zirimwo ibihugu vyo mu burengero n’igisata kijejwe ivy’agateka ka zina muntu mu muryango w’ubumwe bwa Buraya, vyiyamirije ayo matora y’abashingamateka, bivuga ko ahonyanga amasezerano mpuzamakungu.

Ukraine yasavye amakungu kutazokwemera kuyasasira indava, yongera ivuga ko ari amatora ashobora gushira mu kaga ubuzima bw’abanyagihugu ba Ukraine.

Abasesanguzi babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, ko naho Uburusiya butagenzura ijana kw’ijana uburere bwa Ukraine buriko bukoramwo amatora, busanga ari ngombwa ko buyakora.

Uwitwa Abbas Gallyamov yagize ati: “Uburusiya buriko buragerageza kwerekana ko ibintu vyose biriko bigenda uko bwabitegekanije”. Abbas Gallyamov, yahoze ategurira amajambo Prezida Vladimir Putin igihe yari akiri umushikiranganji wa mbere. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG