Uko wahagera

Ukraine:Uburusiya Burashinja Ibihugu by'Uburayi Kwivanga


Pro-Russia and pro-Ukraine supporters are seen clashing in Donetsk, eastern Ukraine, April 28, 2014.
Pro-Russia and pro-Ukraine supporters are seen clashing in Donetsk, eastern Ukraine, April 28, 2014.
Igihugu c’Uburusiya cagirije ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya ko bitumva na gato ibibazo vya politike mu gihugu ca Ukraine, mu gihe ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya ryasohoye amazina mashasha y’Abategetsi b’Uburusiya n’amashirahamwe yo muri ico gihugu azofatirwa ibihano kubera uruhara mu ruhagarara ruri mu gihugu ca Ukraine.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu c’Uburusiya, butangaza kw’ibihano vy’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, biha inguvu kurushiriza intagondwa bwita aba Neo-Nazi kubandanya ibikorwavyo vyabo vy’akajagari mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Ukraine.

Umuntu aretse sibihano vyatangajwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya ku igenekerezo rya 29 ukwezi kwa kane 2014 Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarafatiye ibihano abategetsi b’Uburusiya indwi n’amashirahamwe y’ico gihugu cumi n’indwi ku igenekerezo rya 28 y'ukwa kane umwaka wa 2014 mu kubabuza kuja hanze y’igihugu n’ukuzubira amatungo yabo.

Ku rutonde rw’ibihano vy’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, harimwo, icegera c’umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya, Dmitry Kozak na General, Valery Gerasimov, umutegetsi mukuru w’inteko z’igihugu c’Uburusiya.

Mu bari ku rutonde rwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, barimwo intumwa ya prezida Vladimir Putin mu ntara ya Crimee, umutegetsi mukuru w’abajejwe gukingira prezida Putin n’umuyobozi mukuru w’isosoyete ikomeye cane ya Reta yimbura ibitoro.

Abategetsi b’igihugu c’Uburusiya batangaza ko batokwishura bikomeye kuri ivyo bihano.
Umushikiranganji ajejwe ubutunzi wa Amerika, Jack Lew yatangaje kw’ibihano mu butunzi ku Burusiya vyagize ingaruka ziboneka ku butunzi bw’ico gihugu. Yabwiye akanama gatoyi k’ishami ry’inama nshingamateka y’aba Depite kw’abategetsi ba Reta ya Amerika biteguriye gufata izindi ngingo niyo imigambi y’Uburusiya itahinduka
XS
SM
MD
LG