Uko wahagera

Uburusiya Burashimira USA Yabwongeye Ikiringo co Kuganya Ibirwanisho


Umuvugizi wa prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, Dmitry Peskov
Umuvugizi wa prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, Dmitry Peskov

Uburusiya burakira neza umugambi washikirijwe na Reta zunze ubumwe za Amerika w'ukwongereza ikiringo c'amasezerano asigaye y'ukugabanya ibirwanisho ruhonyanganda.

Abatagetesi b’Uburusiya bakiye neza uno musi ku wa gatanu uwo mugambi washikirijwe na prezida mushasha wa Amerika, Joe Biden. Vyari bitegekanijwe ko ayo masezerano arangira mu kiringo kiri musi y’indwi 2.

Umuvugizi wa prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, Dmitry Peskov yatangaje ko Uburusiya bushigikiye kwongereza ikiringo c’ayo masezerano. Amenyesha ko barindiye kubona ibiri mu mugambi washikirijwe na Amerika.

Ibiro vya Prezida Biden vyamenyesheje ku musi wa kane ko yashikirije Uburusiya umugambi w’ukwongereza mu kiringo c’imyaka 5 amasezerano asigaye y’ukugabanya ibirwanisho ruhonyanganda yitwa, “New START”

Umuvugizi wa prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov avuga ko bakiye neza uwo mugambi, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Yamara atangaza ko vyose biozova ku bizoba biri muriwo.

Amasezerano, “New START” yateweko igikumu mu mwaka w’i 2010 hagati ya Prezida wa Amerika w’ico gihugu, Barack Obama na Prezida w’Uburusiya w’ico gihe nyene, Dmitry Medvedev. Igihe c’ayo masezerano kizorangira w’italiki 5 y’ukweziz kwa kabiri kw’uyu mwaka.

Uburusiya bwari bumaze igihe busaba ko yongerezwa igihe ata abibanje gusabwa canke guhindurwa. Yamara reta ya prezida Donald Trump yarindiye gushika mu mwaka uheze kugira itangure ibiganiro n’Uburusiya ku vyerekeye ayo masezerano. Yabanje gusaba ibintu bitari bike bibanza kwubahirizwa kugira ikiringo c’ayo masezerano congerezwe. Ukudashobora kwumvikana kw’impande zompi ku vyo zitumvikanako vyatumye ivyo biganiro bihagarara

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG