Uko wahagera

Uburundi, Tanzaniya na HCR Bumvikanye kw'Itahuka ry'Impunzi z'Abarundi


Filipo Grandi atawara HCR aheruka guhamagarira Tanzaniya kureka impunzi zigatahuka mu bwigenge
Filipo Grandi atawara HCR aheruka guhamagarira Tanzaniya kureka impunzi zigatahuka mu bwigenge

Impande zitatu zegwa n’ikibazo co gutahukana impunzi z’Abarundi ziri muri Tanzaniya ari zo ico gihugu cazihaye indaro, Uburundi zikomokamwo hamwe na HCR ishirahamwe mpuzamakungu rizitaho zemeranije ko impunzi zibwirizwa gutaha ari izivyisabiye ku gushaka kw’azo.

Itangazo Ijwi rya Amerika ryaronse rizosozera inama nyabutatu yahuje izo mpande zose i Bujumbura kuri uyu wa gatatu rivuga ko ubu hagiye kuja haratahukanwa impunzi 1400 mu minsi ibiri ku ndwi.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ari na we ajejwe ikibazo c’impunzi, Gervais Ndirakobuca ni we yasomye iryo tangazo.

N’aho biri uko, Abarundi bahungiye muri Tanzaniya bamaze iminsi batakamba bavuga ko bariko barirukanwa ku nguvu, ndetse bamwe muri bo bagafungwa abandi bagahohotererwa ubusa nkuko bitangazwa na Leopold Sharangabo icegera c’uwutwara ishiramwe CBDH/VICAR ribavugira.

N’ishirahamwe HCR ryitaho impunzi kw’isi riremeza ko mu gutahukana impunzi z’Abarundi ziri muri Tanzaniya hakirimwo agahaze.

Kuri micro y’Ijwi ry’Amerika, Filippo Grandi atwara HCR kw’isi aheruka guhamagarira ico gihugu kurabira akarorero ku gihugu c’u Rwanda mu gutahukana mu bwigenge impunzi.

Uwaserukiye igihugu ca Tanzaniya muri iyi nama nyabutatu, George Boniface Simbachawene yamenyesheje ko uwutahuka wewe aba ari uwavyisabiye ku gatwe kiwe.

Ku kibazo c’abafungwa canke boba bahohoterwa, uwo mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yemeje ko ayo makuru atayo afise ariko ko hamwe hoba hari uwakoze icaha kanaka ahanwa nk’uwundi munyagihugu wa Tanzaniya wese hisunzwe amategeko.

Kuri we, icifuzo ca Tanzaniya n’uko impunzi zirenga ibihumbi 144 zitahukanwa zose.

Muri iyo nama yabereye i Bujumbura, uwutwara HCR mu Burundi, Abdul Karim, were yifuza ko abatahutse bofashwa mu gusubira mu buzima busanzwe.

Ishirahamwe HCR ryerekana ko kuva mu mwaka w’i 2017, Abarundi barenga ibihumbi 120 bamaze gutahuka bavuye muri Tanzaniya, n’ayo abarenga ibihumbi 30 batahutse bavuye cane cane mu Rwanda.

Abarundi bagisigaye mu buhungiro, cane cane mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko na bo barenga gato ibihumbi 291. Hafi igice c’abo bari muri Tanzaniya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG