Kuva kw’igenekerezo rya 25 z’ukwezi kwa 11 gushika irya 10 ukwezi kwa 12, umunsi wahariwe agateka ka zina muntu, ni isekeza ry’imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi bifadikanije n’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu kijejwe abagore, ONU Femmes, mu kwitabira ibikorwa bijanye nogutuza ayo mabi.
Immaculée Hunja arongoye uwo muhari amenyesha ko ico caha mu Burundi atari agaseseshwa rumuri ariko ko kigoye gutuza kuko kenshi gikorwa n’abari bajejwe gukingira abakenyezi nk’abajejwe umutekano n’abarezi mu mashure. Abona ko ubutungane bwigenga ari bwo bushobora gutuza ako kabi.
Ku bijanye n’ubutungane bwigenga, Armel Niyongere umwe m ubashingwamanza baburanira abakorewe amabi mu Burundi muri sentare mpuzamakungu mpana vyaha CPI amenyesha ko amadosiye arenga ibihumbi 2000 bashikirije iyo sentare harimwo n’abakenyezi bakorewe amabi.
Armel Niyongere aremesha abo bakorewe amabi n’imiryango yabo ko abo bakoze ivyo vyaha ataho bazohungira ubutungane.
Muri uwo muhari w’abakenyezi baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi bamenyesheje Ijwi ry’Amerika ko muri rino sekeza ry’imisi 16 hari bamwe muri abo bakenyezi bakorewe amabi bazoronswa udutahe twokwiteza imbere. Kubera uburyo buke bafise bamenyesha ko bazobandanya badodora hirya no hino kugira abafashwa biyongere.
Umushikiranganji wo gufatana munda n'iterambere ridakumira mu Burundi Emelde Sabushimike, mu itangazo yasohoye kuri uno wa gatatu amenyesha ko muri rino sekeza bazoronka akaryo ko kwifatanya n'abakenyezi bahohotewe bigatuma ataco bashoboia kwimarira mu miryango yabo.
Amenyesha ko kino gihe kigeze Uburundi buriko burakora ibishoboka vyose mu ntumbero yo gukinga ako karanda mu gupfasha abahuye n'ibyo byago babicishije mu gushyigikira bimwe biboneka ibigo bijejjwe gufasha abahohotewe. Yamenyesheje ko igikorwa co gutanguza iryo sekeza kizobera ku murwa mukuru w'Intara ya Muramvya kuri uno wa gatanu ku igenekerezo rya 27.
Facebook Forum