Uko wahagera

Uburundi "Bwugaye Ambassade 3 Buhamagaza Ababuserukira 12 "


Albert Shingiro, Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu.
Albert Shingiro, Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu.

Uburundi bwahamagaje ababuserukira mu bihugu birenga cumi, bwugara ambassade zitatu zabwo ku migabane ya Amerika na Afurika. Ni igikorwa ubushikiranganji bw'imigenderanire y'ico gihugu n'amakungu busigura ko kigamije gutunganya neza akazi kandi "gisanzwe". Amazina yose y'abahamagajwe na ambassade zugawe ntaratangazwa ku mugaragaro. Mu bahamagajwe amakete amaze kuja ahabona, ni uwuserukira Uburundi i Nairobi muri Kenya wenyene.

Mw'ikete Albert Shingiro, ajejwe ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu yandikiye ambasaderi Jean Bosco Barege kw'itariki ya 6 uku kwezi, yamusavye gutebuka agataha ku biro bikuru i Bujumbura. Muri iryo kete Ijwi ry'Amerika rifitiye kopi, Shingiro yabwira Barege yari amaze igihe aserukira Uburundi muri Kenya ko azoca ahabwa ayandi mabanga amaze gutahuka.

Naho abandi barungikiwe ikete nk'iryo bataraja ahabona, amakuru yizewe Ijwi ry’Amerika rikesha umwe mu babarizwa mu bushikiranganji bw'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu yemeza ko muri rusangi abahamagajwe ari cumi na babiri: Ambasaderi w'Uburundi i Pretoria muri Afrika y’epfo, uwa Nijeriya i Abuja, muri Maroc i Rabat, i Washington, DC muri Reta zunze ubumwe za Amerika, i Londres mu Bwongereza, i Berlin mu Budagi, i Otawa muri Canada, uwo muri Bresil, Dubai, Arabiya Sawudite.

Muri abo bahamagajwe, nkuko isoko ry'Ijwi ry'Amerika ribandanya ribivuga harimwo abaserukira ambassade zugawe burundu ari zo: Otawa muri Canada, Ubuserukizi bw'Uburundi muri Brésil n’i Abuja muri Nigeria. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu ku munsi wa gatanu w'ino ndwi yabwiye itangazamakuru i Bujumbura ko ayo makuru ari yo, yirinda gutomora yamara abahamagawe bose abo ari bo. Sonia Niyubahwe avugira ubwo bushikiranganji yahakanye ko ata sano izo mpinduka zifitaniye n’imigenderanire mibi iri hagati ya bimwe muri ivyo bihugu n’Uburundi.

N’aho biri uko, bimwe muri ivyo bihugu birafise umwihariko nk’uko amakuru ava mu bushikiranganji bw’imigenderanire canke muri izo ambassade avyemeza: Abaserukira Uburundi mu bihugu bitari bike vya Bulaya banengwa n’abategetsi b'Uburundi ko batakoze bishimishije kugira ivyo bihugu bikureho ibihano vyafatiye ico gihugu n’abategetsi batandukanye mu myaka itanu iheze.

Ivyo bibaye kandi mu gihe umugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi uheruka kwongerwa ikiringo c’umwaka umwe ngo ubandanye ukora amatohoza mu vyerekeye ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Bimwe mu bihugu ababihoramwo bahamagawe vyarashigikiye ko uwo mugwi wongerwa ikiringo, mu matora yabaye muri iyi ndwi.

Hari n’ibindi bihugu abaserukirayo Uburundi bakekwa kuba bafitaniye imigenderanire myiza n’abatavuga rumwe na reta bahunze Uburundi. Umuhinga yigenga azi neza ivyerekeye imigenderanire y’Uburundi n’amakungu yasesanguriye Ijwi ry'Amerika arisaba ko amazina yiwe adatangazwa, asanga ivyakozwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire ari ibisanzwe, na rirya abaserukira Uburundi mu makungu muri kino gihe abenshi bakiri abashizweho na Reta ya Nyakwigendera Petero Nkurunziza.

Yagize ati: "Ubutegetsi bushasha na bwo bwoba bwifuza kurungika intumwa nshasha muri ivyo bihugu. Abaserukira Uburundi mu buserukizi bwahamagajwe bari bararengeje ikiringo, ahandi naho nta kazi na gake bafise bakora." Iryo soko ryavuze ko ikigiye gukurikira ari uko n'abahanuzi benshi mu buserukizi butandukanye vuba bahamagarwa, kandi ko nko mu ndwi zibiri hazoba hemejwe mu nama nshingamateka abandi baja gusubirira abahamagawe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG