Uburundi burarahira bukarengwa ko butazokwigera bwemera ko intumwa idasanzwe ya ONU iraba agateka ka zina muntu ihonyoza ikirenge muri ico gihugu.
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’abakungu Albert Shingiro yaraye abibwiye abaserukira ibihugu vyabo muri ico gihugu, bariko baramubaza ko ico gihugu kizoyiha ikaze.
Albert Shingiro, avuga ko iyo ntumwa yasubiriye umugwi w’abahinga ba ONU bakora amatohoza ku gihugu ciwe ata kazi ifise kuko agateka ka zina muntu gasigaye kifashe neza.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Pierre Claver Niyonkuru, ni we adushikiriza ino nkuru.
Facebook Forum