Uko wahagera

Burundi: Amatongo Arimwo ay'Impunzi z'Abanyarwanda Yahawe Reta


Ahari ishure ririmwo rimwe mu matongo yakomorewe abanyarwanda
Ahari ishure ririmwo rimwe mu matongo yakomorewe abanyarwanda

Mu Burundi, kuri uyu wa kane, umurwi w'igihugu ujejwe gutatura amatati y'amatongo n'ayandi matungo CNTB wakomereye Reta amatongo abiri arenga hegitari 5 ku mugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura. Arimwo amashure abiri yari yashinzwe n'impunzi z'abanyarwanda zatashe inyuma ya 1994.

Abahakorera basaba kutirukanwa na rirya umwaka w'ishure ugiye gutangura. Umushikiranganji ajejwe inyubako za Reta arabahumuriza ko hazofatwa ingingo zorohereza impande zose ibibanza vyashikirijwe Reta uko ari bibiri biri muri zone ya Ngagara, komine Ntahangwa mu buraruko bw’umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura. Birimwo amashure y’abigenga yashinzwe n’impunzi z’Abatutsi b’Abanyarwanda bari barahungiye mu Burundi mu myaka ya 60. Ni Lycee Saint Gabriel na Lycee de l’Unite.

Iyi ngingo yashizwe mu ngiro ubundi yafashwe n’umugwi CNTB utatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo muri 2014. Godefroid Ntahondi yavuze kw’izina rya CNTB yemeje ko kuva kuri uyu wa kane, ata gikorwa kizosubira kurangurirwa aho hantu Reta itakirekuye. Ku ruhande rw’amashure baremeza ko bari basanzwe bazi neza ko bakorera mu kibanza ca Reta. Gusa bayisaba kwibaza ku bana bahiga muri kino gihe umwaka w’ishure ugiye gutangura. Salavator Nsavyimana yaserukiye Saint Gabriel.

Umushikiranganji Deogratias Nsanganiyumwami ajejwe inyubako za Reta n’itunganywa ry’amatongo yari yaroye kugabana aya matongo. Yatanze umwizero ko atawuzirukanwa. Reta y’Uburundi yemeza ko kuva mu kwezi kw'icenda 2020 imaze kwisubiza amatongo afise uburinganire bw'amahegitari arega 670 akazoshirwamo ibigo vy'iratiro vy’uburimyi n’ubworozi ahanini.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG