Ubushikiranganji buraba ivy'Uburundi mu muryango wa Afurika y'ubuseruko, urwaruka, inkino n'imico kama bwahagaritse urukurikirane rw'ibiteramo vy'amareresi n'ivyivugo (Festival de Slam), rwiswe “Buja sans Tabou”.
Ivyo biteremo vyatanguye ejo ku wa mbere vyoheze ku wa gatanu w'ino ndwi. Ikete ry'ubushikiranganji buraba imico kama mu Burundi rigiye ahabona ku muhingamo w'uno wa kabiri, risigura ko abatunganije ivyo biteramo batubashe "akaranga ko kuvuza umurisho w'ingoma" mu birori vyo kugurura ivyo biteramo vyabereye ku murwa mukuru w'ubutunzi i Bujumbura.
Amasanamu yacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana abatimbo biha umurisho mu mpuzu zitamenyerewe kwambarwa n'abavuza ingoma, kiretse iyo uwuzivugije abikoze mu rubanza rwiwe canke yijandajandira.
Ubushikiranganji buraba ivy'imico kama mu Burundi bwavuze ko ingingo yo guhagarika ibiteramo vya “Buja Sans Tabou” ija mu ngiro ikete riyimenyesha rigisohoka. Ijwi ry'Amerika ryagerageje kurondera abatunganije ivyo biteramo vyitiriwe "Bujumbura itavugigwamwo ibitandukanye mu ntamatama", bavuga ko ata vyinshi baragera kuvuga.
Ico bikoze, Freddy Nsabimbona atwara umurwi wateguye ivyo biteramo yabwiye Ikinyamakuru "Jimbere" gikorera mu Burundi ko kuba abatimbo buguruye ibirori vya “Buja Sans Tabou” babikoze muri izo mpuzu mvamakungu bidasiguye ko batesheje agaciro akaranga k'Uburundi. Kuri we, babikoze ngo baherekeze uwo ariko avuga ivyese, vyari bishingiye ku kabazo ko kumenya " Ryari na gute umuco w'Uburundi wonywana n'iyindi mico yo hanze".
Ibiteramo “Buja Sans Tabou” bitunganywa mu Burundi kuva mu 2014, bikavugirwamwo ibitandukanye kenshi mu Burundi ata wuvugira hejuru mu bisata bitandukanye (urukundo, imigenderanire, imibano, n'ibindi..."
Hambavu y'abanyatugenegene bakorera mu Burundi babizamwo, hari kandi n'abaza bava mu bihugu bibanyi bavyitabira.
Facebook Forum