Uburundi bwashikirije kuri uyu wa gatanu ko bwiteguriye kuriha ibirarane vyose buheranye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko, EAC. Mu kiganiro umushikiranganji Ezechiel Nibigira ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri EAC yahaye abamenyeshamakuru, avuga ko ata mpungenge zo kwirukanwa muri uyo muryango kubera kutariha intererano.
Abishikirije inyuma y’aho abashingamateka ba EAC bavugiye ko ico gihugu na Sudani y’Epfo bishobora kwirukanwa muri EAC kubera kunanirwa kuriha ibirarane vy’intererano vy'imyaka irenga 2. Amakuru Ijwi ry'Amerika rifise, ava mu biro bikuru vya EAC yemeza ko Uburundi buheranye amahera y’imyaka hafi ibiri arenga gato imiliyoni 15 z’amadolari ya Amerika.
Ku mwaka igihugu kimwe cose muri 6 bigize uwo muryango kibwirizwa kuriha imiliyoni 8 z’amadolari ya Amerika. Abashingamateka ba EAC bavuga ko amadeni y'Uburundi na Sudani y’Epfo yatumye ubukene bwiyongera muri uwo muryango.
Mu nama y’abo yabaye ku ndwi iheze, abo bashingamateka batumye inama nshikiranganji kubwira urwego rw’abakuru b’ibihugu maze abo na bo bakoreshe ingingo z’143 n’146 z’amategeko ya EAC zitegekaniriza ibihano ibihugu bitariha intererano. Muri ivyo bihano, harimwo ko igihugu cananiwe kuriha intererano gishobora kwirukanwa mu muryango wa EAC.
Facebook Forum