Uko wahagera

Uburundi Buvuga ko U Rwanda Ruzotanga Abaronderwa n'Ubutungane


Huang Xia uhagarariye Umunyamabanga Mukuru wa ONU mu karere k’ibiyaga bigari bya Afurika na Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi
Huang Xia uhagarariye Umunyamabanga Mukuru wa ONU mu karere k’ibiyaga bigari bya Afurika na Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi

Huang Xia aserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu karere k’ibiyaga bigari vya Afurika yakiriwe na prezida w’Uburundi kuri uyu wa kabiri ku kirimba gikuru kiri i Bujumbura.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi vyandika ko Evariste Ndayishimiye yabanje kubwira bwana Huang nabari bamuherekeje uko igihugu cifashe, amwizeza ko gitekanye ku butaka bwaco bwose yongera amwereka inkingi nyamukuru igihugu ciwe cashize imbere mu rugamba rwo kugwanya ubukene n’ukurondera iterambere kugeza aho akanwa kose karonka ico gafungura, umufuko wose ukagira ifaranga.

Yanashimagije imigenderanire myiza ku giti ciwe hagati yabe n’umunyamabanga mukuru wa ONU.

Uwo mushinwa aserukira Antonio Guterres mu biyaga bigari vya Afurika yakeje prezida musha w’Uburundi amuha n’intasho za shebuja.

Ariko yaranafise ubutumwa bubiri nk’uko ibiro vya Evariste Ndayishimiye bibitangaza : ikibazo cerekeye iyugarwa burundu ry’ibiro vy’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU Uburundi bwavuze ko kuva kuwa 31 ukwezi kwa cumi na kabiri uyu mwaka bitegerezwa gushirako imfunguzo ubutagisubira kugurura hamwe n’irungikwa ry’abikekwa ku baragize uruhara mw’ihirikwa ry’ubutegetsi bahungiye mu gihugu kibanyi c’u Rwanda kuva muri 2015.

Kuri kino kibazo ca nyuma, Huang Xia yabwiye prezida Ndayishimiye ko u Rwanda rufise ugushaka mu guhereza abategetsi b’Uburundi abikekwa kuba baragize uruhara mw’ihirikwa ry’ubutegetsi nyakwigendera Nkurunziza yasimvye mu kwa gatanu 2015 ariko ko rwifuza kubikora bihagarariwe n’igihugu canke umuryango n’ishirahamwe ritegerezwa kuba umuhuza muri ico gikorwa.

Mw’itangazo ibiro vya Prezida vyasohoye inyuma y’umubonano bivuga ko umukuru yamutomoreye ko hagati y’Uburundi n’u Rwanda ata muhuza w’umunyamahanga akenewe kubera abanyagihugu b’ivyo bihugu bibiri bamenyeranye kandi n’indimi zavyo zisa. Amakimbirane hagati y’Uburundi n’u Rwanda ahari yonyene n’uko ico gihugu gicumbikiye abikekwako ihirikwa ry’ubutegetsi akaba ari naco kintu nyamukuru gicanishamwo ivyo bihugu bibanyi nk’uko iryo tangazo ribishimangira akaba ari vyo Ndayishimiye yishuye intumwa idasanzwe y’umunyamabamga mukuru wa ONU mu biyaga bigari.

Yongeyeko ko hamaze gutangura ibikorwa n’imishikirano iganisha kw’inagurwa ry’imigenderanire hagati y’igihugu ciwe n’u Rwanda yemeza ko inyuma y’imibonano hagati y’abashikiranganji b’imigenderanire y’ibihugu vyompi n’ajejwe iperereza, hateganijwe iyindi nama mu kwezi kwa cumi na kabiri kuza hagati y’abashikiranganji b’ubutungane kugira bavugane ukuntu ihanahanwa ry’abikekwako ihirikwa ry’ubutegetsi ryaburijwemw ryoshirwa mu ngiro.

Umukuru w’igihugu yibukije kandi ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryubakiye kukubahiriza amategeko, ukugwanya ukudahana hamwe n’ukwemanga inshingano. Ati Nico gituma koba ari ugusaba ikintu n’igihushane caco igihe hofatwa inzira y’ibiganiro mubijanye n’ikibazo c’aba bantu baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi kubera ivyaha bakoze yibutsa ko ubutungane butigera bugira imishikirano.., niko ibiro vya prezida Ndayishimiye bisigura.

Intumwa idasanzwe y’umunyambanga mukuru wa ONU mu karere k’ibiyaga bigari yijejwe ariko ko abagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi bazohabwa amahirwe yo kuburanishwa bakanacirwa imanza hisunzwe amategeko nk’uko vyagenze kuri bagenzi babo bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega ku mugwa mukuru wa politike.

Bamwe muri bo nk’uko ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi bivyemeza baramaze kwandikira prezida Evariste Ndayishimiye bamusaba kubagirira ikigongwe.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryaronse n’uko abafungwa umunani ari bo bandikiye prezida Ndayishimiye bamusaba kubagirira ikigongwe. Bagizwe n’intwazangabo 6, zitatu zifise ipete rya generali n’abasirikare batobato babiri.

Ku kibazo c’iyugarwa ry’ibiro vy’intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi vyemejwe n’akanama k’umutekano ka ONU muri 2015 bikaja mu ngiro muri 2016, bwana Huang Xia yasavye ko vyokongerwa n’imiburiburi amezi ari hagati ya cenda na cumi na biri kugira bibe vyiteguye neza na cane cane mu bijanye no kurangiza amasezerano y’akazi y’abakozi b’Abarundi n’abanyamahanga babikorera, ukuriha abacuruza bafitaniye amasezerano hamwe n’ugusozera ibintu vyose bijanye n’uburyo bukoresha mu gihugu.

Nk’uko umushikiranganji ajejwe imigenderanire yari yavyandikiye ONU mu misi ishize, umukuru w’iighugu c’Uburundi yibukije uwamutumweko ko impamvu zatuma ivyo biro bibaho zavuyeho kuko amahoro n’umutekano vyagarutse kandi ata ndyane za politike zikiriho hagati ya Reta n’abayigwanya.

Yavuze ko yumvise icifuzo ariko ko abahinga b’Abarundi n’aba ONU bazokorana kugira bigire hamwe umwanya iyo myiteguro izofata. Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:58 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG