Uko wahagera

Uburundi Bushima ko ONU Yabukuye mu Bihugu Bifise Umutekano Muke


Ntahorwamiye Prosper Umuvugizi wa Reta y'Uburundi
Ntahorwamiye Prosper Umuvugizi wa Reta y'Uburundi

Mw’itangazo reta y’Uburundi ryashize ahabona, umuvugizi wa yo Prosper Ntahorwamiye, amenyesha ko iyo ngingo ije gutuma imigenderanire na ONU isubira kunaguka.

Reta y’Uburundi irashima ingingo iheruka gufatwa n’inama nkuru ijejwe umutekano ya ONU yo gukura ico gihugu ku rutonde rw’ibifatwa nk’ibirimwo umutekano muke kw’isi. Itangazo ryasomwe n’umuvugizi wa reta rivuga ko ari ingingo izotuma imigenderanire isubira kunaguka hagati y’Uburundi na ONU.

N’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ubona ko iyo ngingo ari nziza ku gihugu n’Abarundi bose.

Ingingo yanezereje Reta y’Uburundi ni iyafashwe n’akanama k’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kajejwe amahoro n’umutekano ku wa gatanu uheze, i Geneve mu Buswise. Abagize aka ka nama bahurije ko Uburundi bwokurwa ku rutonde rw’ibihugu bifise umutekano muke kandi bibangamiye amahoro n’umutekano kw’isi.

Mw’itangazo reta y’Uburundi ryashize ahabona, umuvugizi wa yo Prosper Ntahorwamiye, amenyesha ko iyo ngingo ije gutuma imigenderanire na ONU isubira kunaguka.

N’umugambwe uri ku butegetsi ni nk’uko. Mu kiganiro umugambwe Cndd-Fdd wahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, i Bujumbura mu ngoro y’uwo mugambwe, umuvugizi wawo Nancy Ninette Mutoni, avuga ko Uburundi bwari bwararenganijwe kubona bwari bugifatwa nk’aharangwa umutekano muke.

Igihe inama nkuru y’umutekano ya ONU yafata iyo ngingo, abagize iyo nama bafatiye ko amatora yabaye mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka yahinduye ibitari bike haba mu kurwanya ukudahana ivyaha no kugarukana umutekano.

N’aho biri uko, abatavuga rumwe na reta bobo bemeza ko atari ko bimeze. Maitre Francois Nyamoya umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD avuga ko iyo ntamwe ibona na ONU gusa. Yemeza ko Abarundi birirwa bahamba ababo kubera ikibazo c'umutekano muke.

Ico bikoze, iyo nama nkuru y’umutekano mu ngingo yayo Ijwi ry’Amerika ifiye ikopi, isanga hagikenewe utwigoro twinshi mu vyerekeye kubahiriza agateka ka kiremwa muntu, kunywanisha Abarundi, gushiraho icuka ciza ca politike n’iyubahirizwa ry’amategeko, gutsimbataza ubutungane bwigenga, kureka abantu bagashikiriza iryo bagona mu mwidegemvyo, kureka amaradiyo n’amashirahamwe yigenga bigakora mu bwigenge n’ibindi.

Abahinga bakurikiranira hagufi ivya politike n’imigenderanire, na bo basigura ko iyo ngingo ataco izohindura kinini kuko ONU izogumiza ijisho ku Burundi biciye mu zindi nzira nk’umugwi wa ONU wigenga ukora amatohoza ku gateka ka zina muntu, uheruka kwongerwa ikiringo c’umwaka.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu na we yongerako ko iyo ngingo izotuma n’abagwizatunga mvamakungu bahurumbira ico gihugu. Ambasaderi Albert Shingiro, yahishuye ko ari intsinzi ivuye mu biganiro vyo mwibanga hagati y’Uburundi na ONU vyari bimaze igihe kinini.

Kuva mu mwaka w’I 2015 aho haduka imvururu za politike, uko amezi atatu aheze, intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi yabwirizwa gushikiriza mu nama nkuru ijejwe umutekano ya ONU raporo yerekana ingene ibintu vyifashe.

Iyo ngingo ije ikurikira iyugarwa ry’ibiro vy’iyo ntumwa idasanzwe ya ONU, yatanga ahanini amaraporo avuga ko igihugu kikirimwo umutekano muke, kandi ko ONU ibwirizwa kugumizayo ijisho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG