Uko wahagera

Uburundi Busaba Kuvanwa ku Rutonde rw'Ibihugu Bitagira Umutekano


Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Perezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye kuri uno wa kabiri yarashikirije ijambo ryiwe mu nama igira 75 ngaruka mwaka ya ONU. Ndayishimiye yagarutse ahanini k’umubano w’Uburundi n’amakungu, umutekano, ibibazo bihangayikishije isi harimwo ikiza ca Virusi ya Corona n’ihindagurika ry’ibihe.

Co kimwe na bagenzi biwe bandi, Perezida Ndayishimiye yashikirije ijambo ryiwe biciye ku buhinga bwa none bwa videwo, mu ntumbero yo kwirinda ikiza caVirusi ya Corona. Ni ikiza Perezida Ndayishimiye yavuze ko caje kwereka isi ko yari ikwiye gusenyera ku mu gozi umwe mu gukemura amatati biciye mu migenderanire myiza hagati y’amakungu.

Mu vy'umutekano, yashimangiye ko mu gihugu aramutswa wifashe neza, agirako abwira bagenzi biwe ko ukuba Uburundi bukiri mu bihugu bija ku kirangamisi c’akanama ka ONU kajejwe umutekano, bisa nko guhungabanya igihugu ha gushigikira amahoro yaco.

Uko kuburabuzwa k’Uburundi Ndayishimiye avuga, agusanga kandi mu bihugu yavuze ko vyivanga mu vy’Uburundi kuva mu 2015. Ivyo bihugu yavugiye muri rusangi, yavyagirije mbere ko vyanafashije mu mugambi wo guhakwa guhirika ubutegetsi bwari buhari ico gihe.

Ubwa nyuma Ijambo ry’Uburundi ryashikirijwe n’umukuru w’igihugu mu nama rusangi ngaruka mwaka ya ONU hari mu 2013. Inyuma yaho, Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yashengeye mu kwezi kwa gatandatu k’uno mwaka yagiye aratuma ivyegera vyiwe canke abashikiranganji kuko ubutegetsi bumaze guhakwa guhirikwa ari muri Tanzaniya mu 2015, ata ngendo zo hanze yongeye gukora.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Washington, DC, Diane Nininahazwe.

Perezida Ndayishimiye Asshimangira ko Umutekano Wifashe Neze mu Gihugu
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:28 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG