Uko wahagera

Uburundi Bugiye Gusinya Amasezerano y'Isoko Rusangi ry'Afurika


Uburundi bwemeza ko bwiteguriye vuba gushira umukono ku masezerano y’ubudandaji ahuza ibihugu vyose vya Afurika (AfCFTA).

Uburundi bwizeye ko buzohakura akunguko kanini cane cane mu gisata c’ubutare, inzahabu n’ayandi mabuye y’agaciro. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri mu nama yo kurabira hamwe aho umugambi wo kwemeza ayo masezerano ugeze.

Ibihugu 34 ni vyo bimase kwemeza ayo masezerano yatanguye kuja mu ngiro mu ntango z’uyu mwaka w’2021.

Reta y’Uburundi ivuga ko isoko rusangi ryiyaguye ry’akarere kose ka Afurika “La zone de libre-échange Africaine” ar'ingirakamaro ku butunzi bw’igihugu ari co gituma, amasezerano arigenga abwirizwa guterwa ko umukono.

Gushika ubu ibihugu 36 kuri 54 vya Afurika biramaze kwemeza no gutera umukono kuri ayo masezerano yatanguye kuja mu ngiro mu ntango z’uyu mwaka.

Uburundi busanga muri urwo rudandazwa ndengamipaka aho Afrika izoba ibaye nk’isoko rimwe, buzohakura akunguko kanini.

Chrysologue Mutwa, Umuyobozi mukuru w’Ubudandaji akaba n’umuhinga aserukira igihugu ciwe muri ayo masezerano yemeza ko ibisata Uburundi buzoshira imbere ari nk’ igisata c’ubutare, inzahabu n’ayandi mabuye y’agaciro, uburimyi, kuratira ijisho muri ba mukerarugendo n’ibindi.

Inama yo guhanahana ivyiyumviro hagati y’ubushikiranganji butandukanye, cane cane ubw’ubudandaji hamwe n’ubw’imigenderanire yabaye kuri uyu wa kabiri, yemeje ko Uburundi bwokwinjira muri iryo soko vuba.

Chrysologue Mutwa, yatangaje ko ibikenewe vyose vyamaze gukurwa mu nzira, yizeza ko ico gihugu kigiye guhamvya ibindi muri uwo mugambi.

Yamara ibihugu nka Kenya na Tanzaniya na vyo vyerekana ko bigifise amakenga ko amahinguriro mato mato yavyo azohagirira ingorane.

Ubumwe kwa Afrika busigura ko ikiza c’umugera wa Korona cadindije ibikorwa vyo kwemeza iryo soko rusangi.

Iryo soko rusangi ryumvikanywe n’ibihugu 44 vyari mu nama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika yabereye i Kigali mu Rwanda mu kwezi kwa 3 umwaka w’i 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG