Uko wahagera

Uburundi Bugiye Gusaba Indishi Ububirigi n'Ubudagi Vyabukoronije


Uburundi buri mu myiteguro yo gusaba Ububirigi n’Ubudagi inshumbusho yo gusanasana imvune zose n’ingaruka zatewe n’imyaka ivyo bihugu vyamaze bibukoronije. Amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe n’umwe mu bakorera inama nkenguzamateka iriko iraheraheza ikiringo cayo ariko ntashime ko amazina yiwe atangazwa, yemeza ko ivy’uwo mugambi vyavugiwe mu nama yabereye i Gitega ku murwa mukuru wa politike, itariki imwe y'uku kwezi kwa munani.

Ni inama yahuje abakenguzamateka bahejeje ikiringo cabo, bashasha bataratangura icabo, abashingamateka bashasha, abagize umurwi ujejwe ukumenya ukuri no kunywanisha abarundi (CVR), indongozi z'amadini n'abanonosoye ivya kahise. Isoko ryacu ryatubwiye ko muri rusangi Uburundi buzosaba Ububirigi n’Ubudagi amamiliyaridi n'imiburiburi 43 y'amadorali y’Amerika.

Mu majambo yiwe yabwiye Ijwi ry'Amerika ati: “Ububirigi ahanini bubwirizwa kuriha ingaruka zatewe n’inzanko zifatiye ku moko zifise imizi mu bukoloni bwabwo, Ubudagi na bwo tuzobusaba ko budushumbusha dufatiye ku nka 424, umwami Mwezi Gisabo yatanze nk’amande mu 1903, uruhande rw’umwami rumaze gutsindwa intambara yaruhuza n’ingabo z’Ubudagi, gutyo umwami akagondozwa yemera ya masezerano y’I Kiganda, abanje kuriha iyo hadabu. Abahinga mu vy’ubutunzi bazoduharurira agaciro izo nka ubu ziba zifise kuva ku rushato gushika ku mahembe ”

Ikete ririmwo dosiye Uburundi butegekanya kurungikira Ububirigi n’Ubudagi nkuko ayandi makuru VOA ikesha umwe mu bategetsi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu avyemeza, riri mu minwe y’umukuru w’inama nkenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo arindiriye kubisikanya na mushasha azomusubirira. Amakuru ataremezwa n’impande zose vyega, avuga kandi ko Ubudagi bushobora kuba bwaramaze gutangura ibiganiro n’Uburundi, kuko hoba hari n’umurwi w’abarundi bagiye I Berlin mu Budagi muri kahise ka vuba ku vy’ico kibazo.

Hagati aho, muri dosiye bitegekanijwe ko irungikirwa vuba Ubudagi n’Ububirigi, Reta y'Uburundi isaba ko ivyo bihugu bisubiza bidatevye ibikoresho ndangamuco vyatwaye, vyaba ivyavuye mu mazu ndanga mico n’ahandi. Bimwe muri ivyo bikoresho, isoko rya VOA mu nama nkenguzamateka ryabandanije ritubwira ko biri mu mazu ndangamico y’ivyo bihugu na cane cane mu Bubirigi.

Dosiye y’Uburundi busaba ibihugu vyabukoronije gushumbushwa si nshasha. Mu 2018, hari umurwi wari warashizweho ngo wige ico kibazo. Gusa, kuri ino ncuro ino dosiye ivyukiye rimwe n'iya Kongo nayo isaba inshumbusho. Kongo yayisavye Ububirigi mu kwa gatandatu umwami w’Ububirigi amaze kuvuga kumugaragaro ko yicuza ubukoroni igihugu ciwe cagize muri Kongo.

Ububirigi twibutse ko buheruka gushinga umurwi uzokwiga ku ngaruka ubukoroni bwabwo bwagize mu karere k’ibiyaga binini. Mu bagize uwo murwi harimwo umurundi ari we Musenyeri Jean Louis Nahimana yahoze atwara umurwi ujejwe ukuri n'ukunywanisha Abarundi CVR, n’umunyarwandakazi Laure Uwase, igenwa ryiwe ritanejereje u Rwanda rumwagiriza gufovya Jenoside yakorewe Abatutsi.

Hambavu y’ubukoloni, Uburundi hari ikindi bwagiriza Ububirigi: Kuba bwoba bwaragize uruhara mu mvururu zatanguye mu 2015 Perezida Pierre Nkurunziza amaze kwitoreza iyindi manda. Kuva ico gihe, ubutegetsi bwa Gitega ntiburasubira kuraba ryiza ico gihugu cari no mu vyahoze kibushigikira mu migambi y'iterambere imwe imwe, harimwo n'iyaciye ihagarara.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG