Uko wahagera

Uburundi Bugiye Gufunga Ibiro by'Intumwa ya ONU


Intumwa za ONU zikora iperereza ku mabi yabaye mu Burundi nyuma ya 2015

Ibiro vy’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi bizoba vyugawe burundu  kuva igenekerezo rya 31 ukwezi kwa 12 uno mwaka.

Biri mu rwandiko rwateweko igikumu na Albert Shingiro, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu aho amenyesha ko iyo ntumwa idakenewe mu gihugu gitekanye. Iyo ngingo ikaba iteye impungenge abanyepolitike n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike.

Muri iryo kete reta y’Uburundi ibicishije k’umushikiranganji w’imigenderaire y’Uburundi n’ibindi bihugu yandikiye umunyamabanga mu kuru wa ONU, Albert Shingiro amenyesha ko kuva itariki 29 z’ukwezi kaw 11 umwaka 2019, Intumwa idasanzwe ya ONU Michel Kafando amaze gusezra mu mabanga yiwe atawamusubiriye. Shingiro akamenyesha ko muri ico gihe abakozi bo mu biro vy’iyo ntumwa ya ONU babandanije bakore ibikorwa bibayabaye mukurindira ko amatora arangira.

Inyuma y’amatora, ivyo biro vyategerezwa kugarwa nkuno ibiganiro bitagiye ahabona hagati y’Uburundi na ONU vyari vyashitseko nkuko bibandanya bishikirizwa na Albert Shingiro.

Muri kino gihe rero, Albert Shingiro yandikiye Antonio Guterres amumenyesha ko igihugu c’Uburndi cagize amatora meza cane ashobora no kubera akarorero Afirika nzima, amumenyesha kandi ko igihugu cose gitekanye ko atanvo nimwe yotuma intumwa nkiyo ya ONU ikorera mu Burundi. Ati kurungika intumwa mu Burundi ni nko kwerekana ko mu Burundi bagikeneye ababafasha gutora inyishu muri politike n’umutekano kandi baramaze kuvyikemurira. Niko rero kumeysha Guterres ko kuva igenekerezo rya 31 z’ukwezi kwa 12 umwaka 2020 ibiro vy’intumwa idasanzwe ya ONU bizokugwrwa burundu.

Armel Niyongere arongoye ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACT-Burundi, amenyesha ko iyo ngingo ari amayeri ya reta yokunyegeza amakungu amabi ikora.

Umunyepolitike Frederic Banvuginyunvira yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu c’Uburundi wewe amenyesha ko iyo nyifato ya reta y’Uburundi ariyo kwerekana ko vyose vyera de igihugu cikwije.

Banvuginyunvira anavuga ko impera n’imperuka yiyo ngingo ari uko Uburundi buzosigara bwirebanga.

Mw’ikete ry’itariki 2 z’ukwezi kwa 11, umunyamabanga mukuru wa ONU yandikiye inama nkuru y’umutekano ya ONU aho yari yasavye uwo arongoye ONU ku wa 23 ukwezi kw’indwi ko yoha iyo nama nkuru y’umutekano ya ONU icegeranyo c’ingorane Uburundi bufise bekerekana nicokorwa, umunyamabanga mukuru wa ONU yamenyesheje mu kigabane ca kane ko Uburundi naho bwateye intabwe igaragara muri politike no mukugarukana umutekano mu gihugu, Uburundi bugikeneye gufashwa. Niko rero kumenyesha ko bikenewe koi biro vy’intumwa idasanzwe ya ONU vyokongerwa ikiringo kugera igenekerezo rya 31 ukwezi kwa 12 umwaka 2021 mu ntumbero yo kubandanya bafasha Uburundi.

Kuva rero igenekerezo rya 17 Albert Shingiro amenyesheje nyabuna ko ivyo biro ahubwo bigeye kwugarwa Burundi kw’igenekerezo rya 31 ukwezi kwa 12 uno mwaka, umunyamabanga mukuru wa ONU ntaco aravuga kuri iyo ngingo ya reta y’Uburundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG