Uko wahagera

Uburundi Bugabisha ONU Kutivanga mu Matora yo mu 2020


Uburundi bugabisha ishirahamwe mpuzamakungu ONU kudahirahira ngo «ryivange » mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwa gatanu ko mu mwaka uza.

Mw’ijambo umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Ezéchiel Nibigira yavugiye mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU igira 74 i New York ku mugoroba wo kuri uno wa Mungu, yavuze ko ONU ikaramuka yivanze muri ayo matora izoba ihonyanze ubwigenge bw’Uburundi.

Umushikiranganji Nibigira yashimangiye avuga ko ONU iramutse ikoze ico Uburundi bwita «kwivanga mu matora » iryo shirahamwe rizoba riciye kubiri y’ico rishinzwe, ibizoca vyerekana ko ONU itigenga ahubwo ikoreshwa n’ibihugu bimwe bimwe.

Mu majambo yiwe yagize ati :" Gutunganya amatora vyega igihugu ubwaco. Bishitse amakungu akayagiramwo uruhara, ntibisigura ko arekuriwe kuyivagamwo. "

Umushikiranganji Ezéchiel Nibigira muri iryo jambo yasavye kandi ONU gukura ibibazo biraba Uburundi ku rutonde rw’ibivugirwa mu kanama ka ONU kajejwe umutekano. Ku bwa Nibigira, Uburundi nta mutekano mpuzamakungu bubangamiye.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI yatanguye amatohoza ku Burundi yemeza ko kuva mu kwezi kwa kane mu 2015 Perezida Pierre Nkurunziza amaze kwitoreza iyindi manda, gushika mu kwa gatanu 2017 n’imiburiburi abantu 1200 bahitanywe n’imvurururu z’iyo manda, abarenga 400.000 nabo barahunga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG