Uko wahagera

Ubumwe bwa Bulaya Bwahagaritse Imfashanyo kuri Etiyopiya


Josep Borrell ajejwe ibibazo vy'umutekano vy'amakungu mu Bumwe bwa Bulaya
Josep Borrell ajejwe ibibazo vy'umutekano vy'amakungu mu Bumwe bwa Bulaya

Umuryango w'ubumwe bw'Ubulaya wahagaritse imfashanyo y'amafranga yaja mu kigega ca Reta y'igihugu ca Etiyopiya bivuye ku kibazo c'intara ya Tigre. Iyo mfashanyo y’imiliyoni 107 y’amadolari yahagaritswe gushika amashirahamwe ajejwe gutabara arekuriwe gushikira abanyagihugu bayikeneye mu ntara ya Tigre iri mu buraruko bwa Etiyopiya.

Umutegetsi akomeye w’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya, Josep Borrell, yatangaje uno musi ku wa gatanu ko umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed akwiriye muri iki gihe kwubahiriza ivyo yaronkeye agashimwe kitiriwe Nobel mu mwaka w’i 2019 mu gukora ibishoboka vyose kugira ahagarika intambara mu ntara ya Tigre.

Avuga ko biteguriye gufasha, ko yamara kiretse abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza yemerewe gushikira abanyagihugu muri iyo ntara, batazotanga amafranga agenewe kuja mu kigega ca Reta ya Etiyopiya yari atagekanijwe.

Ntaco ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed, vyavuze buno nyene ku vyatangajwe n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya. Mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2020, Reta ya Etiyopiya yari yatangaje ko yashitse ku masezerano n’ishirahamwe ONU yari kurekurira amashirahamwe ajejwe gutabara gushika mu ntara ya Tigre.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG