Uko wahagera

Ubumwe bwa Bulaya Bushobora Kuvana Uburundi mu Bihano


Uburundi n'ibihugu bigize ishirahamwe ry'ubumwe bwa Bulaya mu kwezi kuza bazoganira ku kuntu ibihano ivyo bihugu vyafatiye Uburundi muri 2016 vyovanwaho.

Uwuserukira ubumwe bwa Bulaya mu Burundi Claude Bochu biri muvyo yaganiriye n'umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni ejo ku wa kane.

Mu kurindira ko imigenderanire inagurwa, uwo muryango wiyemeje kurangura imigambi iteza imbere igihugu harimwo ukubaka ingomero z'umuyagankuba, ugufasha mu kugwanya inzara, ukubaka ama barabara n'ibindi.

Ahejeje kwakirwa n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni, uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya mu Burundi yatangaje imigambi uwo muryango ugiye guterera kugira irangurwe n’iyo rimaze igihe rifasha.

Hari n’iyindi nk’urugomero rw’umuyagankuba rwa Jiji-Murembwe. Aho ibikorwa bimaze imisi bitanguye. Yavuze ko Ubumwe bw'Ubulayi bwashyize kaburimbo ku bilometero birenga 250 mu mabarabara. bukubaka amabarabara asanzwe areshya n' ibilometero birenga 180.

Ambasaderi w'Ubumwe bw'Ubulayi mu Burundi, Claude Bochu, avuga ko hari imigambi itari mike ubumwe bwa Bulaya bwahagurukiye gufashanya n’Uburundi

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG