Uko wahagera

Ubukene bw'Isukari Bwongeye Kwibonekeza mu Burundi


Abatwara amakinga bapakiye isukari mu Gatumba mu burengero bwa Bujumbura
Abatwara amakinga bapakiye isukari mu Gatumba mu burengero bwa Bujumbura

Haraheze indwi zirenga zibiri hibonekeza ubukene bw’isukari ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura no mu bindi bisagara bikurubikuru, imigwa mikuru y’intara, amakomine n’amazone.

Ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura nk’akarore aho Ijwi ry’Amerika ryaciye abavyeyi batari bake bemeza ko isukari ubu bayironka ku biyiko kandi bakayihabwa ari nke cane.

Abandi nabo nk’abatunzwe n’umwuga wo gukora imikate n’ibitumbura basigura ko bahomba amafaranga agera ku bihumbi 50 mundwi zibiri kubera batagishobora gukora bitewe n’ubukene bw’isukari.

Abajejwe intwaro na cane cane mu gisagara ca Bujumbura nka Gervais Ndiho arongoye zone ya Nyakabiga bagiriza ishirahamwe Sosumo ririma rigahingura isukari kutagenzura neza abacuruza bakurubakuru riha isukari kugira baje kuyiha abacuruza batobato bayigeza kubaguzi.

Inkuru yakurikiranwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:49 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG