Haraheze indwi zirenga zibiri hibonekeza ubukene bw’isukari ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura no mu bindi bisagara bikurubikuru, imigwa mikuru y’intara, amakomine n’amazone.
Ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura nk’akarore aho Ijwi ry’Amerika ryaciye abavyeyi batari bake bemeza ko isukari ubu bayironka ku biyiko kandi bakayihabwa ari nke cane.
Abandi nabo nk’abatunzwe n’umwuga wo gukora imikate n’ibitumbura basigura ko bahomba amafaranga agera ku bihumbi 50 mundwi zibiri kubera batagishobora gukora bitewe n’ubukene bw’isukari.
Abajejwe intwaro na cane cane mu gisagara ca Bujumbura nka Gervais Ndiho arongoye zone ya Nyakabiga bagiriza ishirahamwe Sosumo ririma rigahingura isukari kutagenzura neza abacuruza bakurubakuru riha isukari kugira baje kuyiha abacuruza batobato bayigeza kubaguzi.
Inkuru yakurikiranwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.
Facebook Forum