Uko wahagera

Nijeriya: Indwara y'Ubukangwe Yasubiye Kwibonekeza


Ibinyamakuru bisanzwe bikorera mu gihugu ca Nijeriya vyatangaje ko hari abantu babiri basubiye gufatwa n’indwara y’ubukangwe, inyuma y’imyaka ibiri yar'iheze iyo ndwara itar’ikihavugwa.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Isaac Adewole, yabwiye abamenyeshamakuru ko har’umugwi w’abaganga warungitswe gutanga incanco mu gisagara ca Borno, ahibonekeje abafise iyo ndwara y’ubukangwe.

Adewole yongeye ahumuriza abanyagihugu ababwira ko bazokora ibishoboka vyose kugira bahagarike iyo ndwara.

Indwara y’ubukangwe iriko yibonekeza mu buraruko bwa Nijeriya, mu karere kari karigaruriwe n’umugwi w’iterabwoba Boko Haram.

Mu kwezi guheze kw’indwi, Ishirahamwe ry’Abaganga batagira Imbibe, MSF, ryari ryatangaje ko mu gisagara ca Borno, abantu bashika ku bihumbi 500 bugarijwe n’ubukene bw’amazi meza, imfungurwa, ubuvuzi hamwe n’uburaro.

MSF ikaba yari yasavye imfashanyo vyihuta, inyuma y’aho igisirikare ca Nijeriya cigaruriye ico gisagara cari kimaze imyaka ibiri mu minwe y’abagwanyi ba Boko Haram.

XS
SM
MD
LG