Uko wahagera

Ubufaransa Bwiyamiriza Ihonyabwoko Ubushinwa Bukora ku ba Uyghur


Inama nshingamateka y'Ubufransa yiyamirije uno musi ku wa kane ihonyabwoko Ubushinwa buriko bukorera abayislamu b'aba Uyghur.

Hari mu ngingo ishobora gutuma imigenderanire hagati y’Ubufransa n’Ubushinwa itosekara, indwi zibiri gusa imbere y’inkino mpuzamakungu Olempike zo mu gihe c’ubukanye z’i Beijing.

Iyo ngingo yemejwe n’abashingamateka 169 n’abasosiyaliste batavuga rumwe na reta irashigikiwe n’umugambwe wa Prezida Emmanuel Macron, La Republique en Marche.

Iyo ngingo ivuga ko inama nshingamateka yemeza icese ko ubwicanyi Reta y’Ubushinwa iriko ikorera abayislamu b’aba Uyghur ari ivyaha vy’agahomerabubwa n’ihonyabwoko. Isaba kandi ko Reta y’Ubufransa ifatira hamwe ingingo zikomeye n’amakungu ku vyerekeye Ubushinwa mu ntumbero y’ugukingira abayislamu b’aba Uyghur bari ku rushi mu ntara ya Xinjiang.

Umuyobozi w’umugambwe w’abasosiyaliste mu Bufransa, Olivier Faure, atangaza ko Ubushinwa ari igihugu c’igihangange, ko bakunda abanyagihugu baco, ko yamara badashobora kwemera ibinyoma ico gihugu gishikiriza mu gihe kiriko gikora ihonyabwoko ku mugaragaro ku bayislamu b’aba Uyghur.

Iyo ngingo y’Ubufransa ikwirikiye ingingo nk’iyo yafashwe n’Ubwongereza mu kwezi kwa kane kw’umwaka urangiye yiyamirijwe n’Ubushinwa. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG