Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron ashaka guhwamika icuka kibi kiri mu migenderanire hagati y'igihugu ciwe na Alijeriya. Ni inyuma y'amatati yerekeye impapuro z'inzira bita visa mu rurimi rw'igifransa.
Macron yatangaje ko ico yifpuza ari uko ico cuka kibi kivaho kubera yibaza ko kuganira hamwe n’ukugira intambwe ari vyo vyoshirwa imbere kurushiriza. Yavuze ko imigenderanire hagati yiwe na Prezida wa Alijeriya, Abdelmadjid Tebboune imeze neza mu vy’ukuri.
Mu mpera z’indwi irangiye, Alijeriya yaratumyeko ambasaderi wayo i Paris, yongera iziririza indege z’ingwano z’Ubufransa mu kirere cayo. Ubufaransa burakunda gukoresha ico kirere kugira bushikire inteko zabwo ziriko zirwanya intagondwa z’abayislamu mu ntara ya Sahel.
Ivyo vyabaye inyuma y’amatati yerekeye impapuro z’inzira bita visa. Ubufaransa bwaratangaje mu ndwi iheze ko buzogabanya bikomeye igitigiri c’izo mpapuro giha abanyagihugu bava muri Alijeriya, Maroke na Tuniziya.
Vyakwirikiwe n’amakuru avuga ko Prezida Macron yavuze amajambo anebagura Alijeriya mu kuvuga ko ico gihugu gitwarwa n’abasirikare banditse amateka y’igihugu uko atari.
Facebook Forum