Uko wahagera

Ubufaransa Bwaratesheje Agaciro Ibirego vya Prezida w'Uburundi


Prezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza
Prezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza

Sentare y’i Paris mu Bufaransa kuri uno wa gatanu yaratesheje agaciro ibirego Prezida w’Uburundi Petero Nkurunziza yari yitwariyemwo umushingwamanza w’Umubiligi Maitre Bernard Maingain, umwanditsi David Gakunzi na Televiziyo y'Abafaransa France3.

Abo bagabo babiri bari bitwariwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi mu kwezi kwa mbere abagiriza kumutyoza, ububeshi no gushikuza mu makuru avuga ubwicanyi bwoba bwabereye mu ntara ya Karuzi mu Burundi. Ayo makuru yaciye kuri Televiziyo France 3 mu mwaka w’2016.

Sentare y'i Paris yavuze ko yihweje neza ibirego ata caha yasanze cokwagira abarerwa. Ntaco Reta y'Uburundi canke umukuru w'igihugu c'Uburundi baragira bavuga ku vy'iyo ngingo.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amewrika Pierre Claver Niyonkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:13 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG