Uko wahagera

Ubufaransa Bwahanishije Google Ihazabu y'Amadolari Miliyoni 268


Icapa ca Google
Icapa ca Google

Ubufaransa bwahanishije sosiyete y'igihangange mu ikoranabuhanga Google ihazabu y'amadolari miliyoni 268 kubera kwikubira isoko ryo kwamamaza. Urubanza rwaturutse ku kirego cy'amasosiyete atatu y'itangazamakuru yitwa News Corp, Figaro na Rossel.

Avuga ko Google iyazibira amayira kandi umutungo wayo munini ari uturuka mu iyamamaza, ahubwo igakoresha serivise zayo bwite mu rwego rwo kwamamaza ibicuruzwa ku ikoranabuhanga.

Ikigo cya leta y'Ubufaransa gishinzwe kugenzura ipiganwa mu bucuruzi cyatangaje ko Google idahakana ibyo iregwa. Iki kigo na Google bumvikanye ku ihadabu cyayihanishije. Bityo, Google izishyura vuba nta ngorane, bitarinze gukururana mu nkiko.

Umuyobozi mukuru w'iki kigo, madame Isabelle de Silva, yatangaje ko ihazabu y'amayero miliyoni 220, angana n'amadolari miliyoni 268, atari menshi ku gihangange Google ikize cyane. Ariko, ati: "Ni urubanza rw'akataraboneka rwa mbere mu mateka ku kibazo cy'ipiganwa mu rwego rwo kwamamaza ibicuruzwa ku ikoranabuhanga."

Ku ruhande rwayo, Google yatangaje ko igiye guhindura imikorere yayo kugirango idakomeza kwikubira isoko ryo kwamamaza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG