Uko wahagera

Ubufaransa: Navalny Yopfira mu Gasho Uburusiya Bwokwibonera


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubufaransa n'ayandi makungu Jean Yves Le Drian
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubufaransa n'ayandi makungu Jean Yves Le Drian

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu, Jean-Yves Le Drian, kuri uno wa kane yagabishije Uburusiya hamwe na Prezida wabwo Vladimir Putin.

Mu kiganiro Le Drian yahaye tereviziyo y’abafaransa France 2, yagize ati: “ Haramutse hagize ikiba, Alexei Navalny atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya agasandabira mu mvuto, bizoja ku gatwe ka Putin n’abategetsi bandi b’Uburusiya.”

Imvugo ni nk’iyo ku ruhande rw’Amerika: Umuhanuzi mu vy’umutekano mu biro vy’umukuru w’igihugu, Jake Sullivan, yabwiye tereviziyo CNN ko mu gihe Navalny yoramuka apfiriye mu gasho, Uburusiya bwogira ingorane.

Abahinga ba ONU mu vy’agateka ka zina muntu nabo ejo ku wa gatatu batangaje ko ubuzima bw’uwo munyepolitike buri mu kaga, bongera bagiriza Reta ko yamwankiye kubonana n’abaganga biwe. Abo bahinga basavye bashimitse ubutegetsi bwa Putin kumureka akaja kwivuriza ahandi atari muri ico gihugu. Ntaco Uburusiya buravuga ku vyagiriji vy'abo bahinga bavuga ko Reta yamwankiye kuja kwivuriza mu kindi gihugu.

Alexei Navalny amaze indwi zitatu ari muri yegereyegere yo kwiyamiriza ipfungwa ryiwe mu kwisonzesha, yatawe mu mvuto mu kwezi kwa mbere akimara kuva mu Budagi kwivuza ishano yemeza ko yahawe n’ubutegetsi. Ni ivyagiriji Reta yamirira kure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG