Uko wahagera

Ubufaransa Buranebagurwa Inyuma yo Kwongera Gufasha Uburundi


Uwuserukira Ubufaransa mu Burundi kumwe na Prezida Pierre Nkurunziza
Uwuserukira Ubufaransa mu Burundi kumwe na Prezida Pierre Nkurunziza

Ihuriro ry’amashirahamwe yo ku mugabane wa Buraya yibanda ku karere ka Afrika yo hagati, EURAC, riranebagura ingingo ya Leta y’Ubufaransa yo kunagura imigenderanire n’igihugu c’Uburundi.

Mu itangazo iryo huriro ryashize ahabona rivuga ko iyo ngingo ica intege umuryango w’ibihugu vya Buraya ndetse bigatera no kwibaza ku myitwarire y’Ubufaransa n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.

Giusseppe Cioffo, umutunganya bikorwa muri EURAC yabwiye Ijwi ry’Amerika ko Ubufaransa nka kimwe mu bihugu bikomeye mu muryango w’ubumwe bwa Buraya busa nk’ubwatanze ubutumwa bwa politike buza buvuguruza ubw’uwo muryango.

Mw'ihuriro EURAC ikindi banebagura ni umwanya iyo migenderanire inaguriwe. Abagize iryo huriro bemeza ko ukurabana ryiza hagati y’ivyo bihugu mu gihe Uburundi bwitegurira amatora, Ubufaransa busa nkaho bushaka ko ico gihugu gisubira kubonwa neza mu makungu, bigashobora gutuma abatari bake “bibesha ku kungene ivy’agateka ka zina muntu vyifashe”.

Ingingo y’Ubufaransa yo kunagura imigenderanire n’Uburundi yatangajwe itariki ya 14 ukwezi kw’indwi ariko uko gufashanaya nyezina vyatanguye mu kwezi kwa mbere uyu mwaka.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Venuste Nshimiyimana ukorera i Londres mu Bwongereza.

Amwe mu Mashirahamwe Yibanda kuri Afrika Asanga Hatari Bwagere ko Imigenderanire y'Uburundi n'Ubufaransa Inaguka
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:02 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG