Uko wahagera

Ubufaransa Bugiye Gukumira Bamwe mu Ngenzi Ziva mu Bwongereza


Ikibuga c'Indege co mu Bufaransa
Ikibuga c'Indege co mu Bufaransa

Ubufaransa bwatangaje uno musi ku wa kane ko bivuye bitigiri vy'abandura ubwoko bushasha bwa Corona, Omicron, bitera bwiyongera mu Bwongereza, abantu bamwe bamwe ari bo bazorekurirwa gutembera hagati y'ivyo bihugu bibiri.

Butangaza ko uwari we wese azoba avuye mu Bwongereza azotegerezwa kwikumira. Iyo ngingo ntizoba yerekeye abadereva b’amakamyo. Vyagabanije impungenge z’Ubwongereza z’uko vyari guhungabanya uruja n’uruza rw’ibidandazwa.

Ubufaransa butangaza ko bwafashe iyo ngingo kubera ubwoko bwa Omicron, abahinga mu vyerekeye indwara n’imigera bavuga ko bwandukira cane, buriko burakwiragira ningoga mu Bwongereza.

Umuvugizi wa Reta y’Ubufaransa, Gabriel Attal, yatangaje ko ico bashaka gushikako ari ukugabanya mu buryo bwose bushoboka ikwiragira rya Omicron mu gihugu.

Gabriel yavuze ko bazogabanya ingenzi n’abagira ingendo zijanye n’imirimo yabo y’ubudandaji batari abafaransa canke abanyabulaya bazorekurirwa kwinjira ku butaka bw’Ubufaransa. Uyi mutegetsi yemeza ko abantu bamaze kwemezwa ko bafise umugera wa Omicron mu gihugu ari 240. Amenyesha ko ari bake cane umuntu abageraranije n’abamaze kwandura uwo mugera mu Bwongereza.

Mark Tanzer, ayoboye ishirahamwe ry’abagira ingendo mu Bwongereza, ABTA, avuga ko ingingo Ubufaransa bwafashe izogeramira bikomeye igisagata c’abagira ingendo cari gisanzwe kigeramiwe n’ingingo nshasha zafashwe kubera umugera wa Omicron. ( Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG