Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Ubudagi atangaza ko imigambi ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika y'ugukura abasirikare bayo mu gihugu ciwe ibabaje.
Ivyo umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Annegret Kramp-Karrenbauer yabitangaje uno musi ku wa gatanu. Yasiguye ko bikenewe ko Ubulaya bukora kurushiriza ku bijanye n’umutekano wabwo bwite.
Reta zunze ubumwe za Amerika zitegekanya gukura abasirire bayo 12000 mu Budagi. Abategetsi bajejwe ivy’ukwivuna abansi muri Amerika, batangaje ku musi wa gatatu ko Amerika izotahukana abasirikare bagera ku 6400 mu gihe abandi bagera ku 5600 bazorungikwa mu bindi bihugu vy’i Bulaya.
Iyo ngingo yubahiriza icifuzo catangajwe na Prezida Donald Trump c’ugukura inteko za Amerika mu Budagi kubera yagiriza ico gihugu ko kitakoresheje amafranga ahagije ku bijanye n’ukwivuna abansi. Iyo ngingo izotuma hasigara abasirikare ba Amerika bagera kau 24000 mu Budagi.
Facebook Forum