Uko wahagera

Ubudagi Bugabisha Abanyagihugu Babwo Kutaja muri Espanye


Ubudagi buragabisha abanyagihugu babwo kutaja mu bice bimwe bimwe vy’igihugu ca Espanye.

Ivyo bice birimwo ibigenderwa cane n’ingenzi. Ni mu gihe ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona biriko biriyongera muri iki gihe abantu bariko bafata uburuhuko.

Iryo gabisha rije mu gihe Ubudagi buriko buhangana n’ukwiyongera kw’abandura umugera wa Corona. Abanyagihugu bavuye mu biruhuko hanze y’igihugu barateje impungene z’umwihariko.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubudagi bwasavye uno musi ku wa kabiri abadagi kutaja mu ntara 3 zo mu buraruko bw’igihugu ca Espanye. Izo ntara za Aragon, Catalonia na Navarra zihanganye n’ibitigiri vy’abandura Covid-19 vyasubiye kwiyongera cane.

Yamara hari ibindi bice vya Esipanye iryo gabisha riterekeye. Akarorero ni amazinga ya Balearic, arimwo Mallorca hamwe n’ibice vyo mu bumanuko bw’igihugu. Espanye ni kimwe mu bihugu bigenderwa cane n’abadagi bagiye kuruhuka.

Ingingo y’igihugu c’Ubudagi y’ukugabisha abanyagihugu bayo kugendera ibice bimwe bimwe vya Esipanye ikwirikiye ingingo Ubwongereza bwafashe giturumbuka ku musi wa gatandatu w’indwi iheze y’ugukumira mu kiringo c’imisi 14 abongereza bavuye kuruhukira muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG