Uko wahagera

Ubucuti Hagati ya Amerika na Congo Bwoba Bugiye Kwiyongera?


Prezida Tshisekedi kumwe na Peter Tibor Nagy, icegera c'uwushinzwe Afurika mu bushikiranganji bw'imigenderanire ya Amerika

Prezida mushasha wa Republika iharanira demokarasi ya Congo, Felix Tshisekedi mu ntango z'ukwezi kwa kane azogira urugendo rwiwe rwa mbere muri Amerika kuva agiye ku butegetsi.

Ni urugendo rutangajwe mu gihe Amerika iriko irondera kwongera gusubira gukorana n’ico gihugu mu rugamba rw’ukurwanya ibiturire.

Mu bo bimaze kumenyekana ko bazobonana hari mwo umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n'ayandi makungu, Mike Pompeo.

Hambavu y'ikibazo co kurwanya ibiturire bitegekanijwe ko abo bategetsi baganira ivyerekeye ugukomeza intwaro nziza, umutekano, agateka ka muntu n’uguteza imbere ubutunzi bifatiye ku mitahe y’abanyamahanga n’ubudandaji.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Robert Palladino, yabwiye abamenyeshamakuru ko gukomeza ugukorana hagati ya Amerika na Congo biri mu nyungu za Amerika.

Hari haheze imyaka itanu ata mutegetsi wa Congo agendera Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG